Inyifato ininahaza Imana
1. Ni kubera iki igihe Ivyabona vya Yehova baba bitavye amahwaniro y’intara abantu babimenya?
1 Igihe twitavye amahwaniro y’intara, biroroshe ko abantu babimenya. Mu bisagara vyinshi, ibinyamakuru vyaho biramenyesha abantu ko turi mu micungararo. Amahoteli n’amaresitora aba yuzuyemwo abaje ku mahwaniro, kandi abantu baba muri utwo turere barabona izo ngenzi nyinshi zambaye udukarata karanzi tw’ihwaniro. Ng’ibi ibintu bimwebimwe twibukijwe bizodufasha kuninahaza Imana biciye ku nyifato yacu nziza igihe tuzoba turi mu gisagara kizoberamwo ihwaniro.—1 Pet. 2:12.
2. Ni gute twoninahaza Imana biciye ku kwambara rupfasoni igihe turi mu gisagara kiberamwo ihwaniro?
2 Kwambara rupfasoni: Ukuba twambaye rupfasoni igihe twitavye ihwaniro kenshi usanga bikora ku mutima abatwihweza. Ariko kandi, ukuntu twambara mu bindi bihe, nk’igihe dushitse kw’ihoteli tuzoraramwo, igihe dufungurira mu maresitora, igihe dusuma be no mu bindi bihe gukwiye kugira ikintu kinini gukoze ku batwihweza. Naho atari ngombwa ngo twambare nk’abagiye ku mahwaniro igihe tuba turi mu bindi bintu, impuzu twambara zikwiye kuba ziranga urupfasoni, zibereye kandi atari izo dupfuye kuvundurura. Abatwihweza bakwiye kubona itandukaniro riri hagati yacu n’abatemera. (Rom. 12:2) Vyongeye, turakwiye kwambara agakarata karanzi kacu kubera ko ivyo bizotuma ihwaniro ryacu rimenyekana, bitume turonka uturyo two kwamamaza vyongere bitume abandi bitavye iryo hwaniro batumenya.
3. Twogaragaza gute ukwihangana n’urupfasoni?
3 Ukwihangana n’urupfasoni: Muri kino gihe aho abantu benshi bo kw’isi bikunda kandi bakaba ari intashima, ese ukuntu ukwihangana be n’urupfasoni tuzogaragaza bizoruhurira abatwihweza, nk’abakorera mu mahoteli no mu maresitora! (2 Tim. 3:1-5) Igihe dufatira abandi ibibanza n’igihe dutonze ku murongo kugira turonke ibintu vyasohotse kw’ihwaniro, ntidukwiye kurondera akarusho kacu bwite, ahubwo dukwiye kurondera ak’abandi. (1 Kor. 10:23, 24) Inyuma yaho umugabo umwe yari yarashimishijwe yitabiye ihwaniro rya mbere, yavuze ati: “Nta nsiguro n’imwe nibuka mu zashikirijwe kuri uwo musi, ariko ukuntu Ivyabona vya Yehova bigenjeje vyovyo vyangumye mu bwenge.”
4. Ni kubera iki dukwiye kurimbura ivyo kuzokwitanga kw’ihwaniro nimba uko ivyacu vyifashe kubidukundira?
4 Abitanga bavyishakiye: Agatima ko kwitanga ni ikimenyetso kiranga abakirisu b’ukuri. (Zab. 110:3) Woba wokwitanga ugafasha kw’ihwaniro? Mu kibanza kimwe cabereyemwo ihwaniro, abavukanyi na bashiki bacu bagera ku 600 baritanze baragisukura imbere y’uko ihwaniro riba. Abakozi bo kuri ico kibanza bavuze bati: “Ntitwari bwigere tubona ikintu gitangaje nk’iki! Biragoye kwemera ko aba bantu bose ari abitanze.” Turarindiranye umushasharo amahwaniro y’intara yo mu 2013 be n’akaryo tuzoronka, atari ako gusa kwumviriza no kwiga, ahubwo kandi n’ako kuninahaza Imana.
[Uruzitiro ku rup. 2, 3]
Ivyibukijwe ku vyerekeye Ihwaniro ry’intara ryo mu 2013
◼ Ibihe porogarama izoberako: Ku wa gatanu no ku w’iyinga, porogarama izotangura isaha 2:30 zo mu gitondo, ku musi wa gatandatu na ho izotangura isaha 4:30 zo mu gitondo. Igihe umuziki w’Ubwami wugurura utanguye, twese dukwiye gufata ivyicaro kugira ngo porogarama itangure mu buryo buteye iteka. Ku wa gatanu porogarama izorangira isaha 10:15 zo ku muhingamo, ku wa gatandatu irangire isaha 11:30 zo ku mugoroba, ku w’iyinga na ho irangire isaha 8:50 zo ku muhingamo.
◼ Ugufatira abandi ibibanza: Dukwiye gufatira ibibanza gusa abo tubana mu nzu, abo twazananye mu muduga canke abo dusanzwe twigana Bibiliya.—1 Kor. 13:5.
◼ Imfungurwa za sasita: Turabinginze muzoze mwitekereye impamba y’ibifungurwa vyoroshe, aho kuva mu kibanza c’ihwaniro mugiye kurondera ibifungurwa canke kubigura kuri barya babitembereza ku mabarabara mu karuhuko ka sasita.
◼ Intererano: Turashobora kwerekana ko dukenguruka intunganyo zagizwe ku bw’ihwaniro mu gutanga intererano zivuye ku mutima ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, haba ku Ngoro y’Ubwami iwacu canke kw’ihwaniro. Amasheki yoba atanzwe bwa ntererano kw’ihwaniro akwiye kuba yanditseko yuko ayo mahera ahabwa ishirahamwe “ Les Témoins de Jéhovah. “
◼ Amasanganya hamwe no gutabarwa vyihutirwa: Mu gihe mu kibanza c’ihwaniro habaye ibintu bisaba gutabarwa vyihutirwa, turagusavye uce ubimenyesha uwakira abantu akwegereye na we azoce ubwo nyene abimenyesha Urwego rujejwe gutabara abarwaye, kugira ngo abantu bajejwe ico gikorwa babimenyereye bari ng’aho bashobore kuraba nimba bikomeye canke bidakomeye maze bagire ico bafashije.
◼ Ugufata amajwi n’amasanamu: Ivyuma bifata amajwi n’amasanamu vy’ubwoko ubwo ari bwo bwose ntibikwiye gucomekwa ku vyuma biduza amajwi canke ku muyagankuba vy’aho hantu, kandi vyoshobora gukoreshwa gusa mu buryo budatuma abandi basamara.
◼ Udupapuro two kwuzuza hasabwa gukurikirana umuntu yashimishijwe: Agapapuro ko kwuzuza kavuga ngo Turabasavye mukurikirane uwu muntu yashimishijwe (S-43) gakwiye gukoreshwa mu gutanga amakuru yerekeye umuntu uwo ari we wese ashimishijwe igihe dushinze intahe akaryo kizanye mu gihe c’ihwaniro. Udupapuro twujujwe woshobora kuduha abo mu Rwego rujejwe ibitabu canke ukaduha umunyamabanga w’ishengero ryanyu umaze gutaha.
◼ Amaresitora: Nutere iteka izina rya Yehova biciye ku nyifato nziza ugira uri mw’iresitora. Niwambare mu buryo bubereye umusuku mukirisu.
◼ Uburaro: Ku bipfuza gucumbika mw’ihoteli canke iyindi nzu y’uburaro, boshobora gushikira Urwego rujejwe uburaro kugira ngo rubagire inama. Mu mihingo imwimwe hazoboneka amasomero yo kuraramwo. Akenshi bizokenerwa ko umwe wese yizanira ibisaswa hamwe n’ibikoresho vyo guteka. Turabasavye mutashe, muzosige aho hantu hasukuye. Ivyo bizoshingira intahe ikomeye izina rya Yehova be n’abasavyi biwe.
◼ Abitanga bavyishakiye: Uwo wese yipfuza gufasha akwiye gushikira Urwego rw’abitanga bavyishakiye kw’ihwaniro. Abana batarakwiza imyaka 16 barashobora na bo nyene kugira ico baterereye mu gukora bahagarikiwe n’umuvyeyi canke umurezi, canke uwundi muntu akuze yavyemerewe n’uwo muvyeyi canke uwo murezi.