ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp20 no. 3 rup. 14-15
  • Niwironkere imihezagiro irama iva ku Muremyi wacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwironkere imihezagiro irama iva ku Muremyi wacu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
  • Ivyo bijanye
  • Ibitangaro vya Yezu dushobora kuvyigirako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Twigira iki ku bitangaro Yezu yakoze?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Yarakunda abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ibitangaro vyoba bibaho koko canke ni umugani?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
wp20 no. 3 rup. 14-15
Abantu bo mu bwoko butandukanye barahimbariwe kuba bari kumwe mw’isi y’iparadizo.

‘Isi izotanga umwimbu wayo; Imana, Imana yacu, izoduhezagira.’​—ZABURI 67:6

Niwironkere imihezagiro yamaho iva ku Muremyi wacu

Imana yasezeraniye intumwa yiwe Aburahamu yuko umwe mu bo mu ruvyaro rwiwe yotumye “amahanga yose yo kw’isi” ahezagirwa. (Itanguriro 22:18) None uwo muntu yobaye nde?

Haraheze imyaka nka 2.000 Imana ihaye Yezu ububasha bwo gukora ibitangaro bikomeye, kandi Yezu yakomotse mu muryango wa Aburahamu. Ivyo bitangaro vyarerekanye yuko biciye kuri Yezu, ari ho amahanga yoronse ivyo Imana yasezeraniye Aburahamu.​—Abagalatiya 3:14.

Ibitangaro Yezu yakoze vyarerekanye ko ari we Imana yatoye kugira ngo ihezagire abantu biciye kuri we. Vyarerekanye kandi ingene Imana izomukoresha mu kuronsa abantu imihezagiro y’ibihe bidahera. Raba ingene ibitangaro Yezu yakoze vyashize ahabona zimwezimwe muri kamere ziwe nziza.

Ikibabarwe​—Yezu yarakijije abarwaye.

Igihe kimwe, hari umunyamibembe yatakambiye Yezu ngo amukize. Yezu yaciye amukorako maze amubwira ati: “Ndabishaka!” Iyo mibembe yaciye ikira buno nyene.​—Mariko 1:40-42.

Gutanga​—Yezu yaragaburiye abashonje.

Yezu ntiyashaka ko abantu bicwa n’inzara. Mu bihe bitandukanye, yaragaburiye ku gitangaro abantu ibihumbi n’ibihumbi mu kugwiza imikate mikeyi n’udufi dukeyi. (Matayo 14:17-21; 15:32-38) Bose barafunguye barahaga, mbere harasigara n’ibitari bike.

Impuhwe​—Yezu yarazuye abapfuye.

Yezu abitumwe n’“ikigongwe,” yarazuye umwana w’ikinege w’umupfakazi ata n’umwe yari asigaranye wo kumwitwararika.​—Luka 7:12-15.

IMIHEZAGIRO IZOBA KW’ISI IBIHE BIDAHERA

Yezu yaramaze kwerekana ko Imana ifise ububasha bwo guhezagira abantu. Vuba Yezu niyagaruka nk’uko yabisezeranye, Imana Mushoboravyose izotuma akora ibitangaro kw’isi yose mbere bikomeye kuruta.

None ubuzima buzoba bumeze gute kw’isi Imana niyashitsa ivyo yasezeraniye Aburahamu? Abakunda Imana kandi bakayubaha “bazokwigabira isi” bongere ‘binovore amahoro menshi.’ (Zaburi 37:11) “Urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”​—Ivyahishuwe 21:4.

Ese ukuntu bizoba bihimbaye kuba kw’isi ibihe bidahera mu mahoro! Nurondere rero kumenya n’ibindi ku bijanye n’imihezagiro intwaro y’Imana igiye kuzana, ku rubuga www.pr418.com.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika