INGENE WOKWIYIGISHA
Ivyogufasha kwibuka ivyanditswe
Vyoba birashika ukibagira icanditswe ukunda cane? Gishobora kuba ari icanditswe kikuremesha, canke kigufasha kurwanya ivyiyumviro bibi, canke ico wipfuza kubwira umuntu. (Zab. 119:11, 111) Raba ibintu bimwebimwe vyogufasha kwibuka ivyanditswe.
Koresha JW Library®. Igihe usomye umurongo wo muri Bibiliya wipfuza kwibuka, nuce uwufyondako, hanyuma ufyonde ku kamenyetso ko guteranya, hanyuma kuri «Ajouter une catégorie», uce wandika ngo «Ivyanditswe nkunda.» Nuce uze urabika muri uwo mugwi ivyanditswe vyose wipfuza kwibuka.
Nushire ico canditswe aho ushobora kukibona. Niwandike ku gapapuro icanditswe wipfuza kwibuka, uce ugashira aho uzoza urakabona kenshi. Hari abagashira iruhande y’icirore, abandi bakagashira kuri frigo. Abandi na bo barafotora ico canditswe bakagishira kuri écran ya terefone yabo canke ya ordinateri yabo.
Koresha udukarata. Fata agakarata maze ku ruhande rumwe uhandike ico canditswe, ku rundi na ho uhandike ingene kivuga. Nuze rero uraraba ku ruhande rwanditseko amajambo akigize kugira ngo wiyibutse ico canditswe, canke na ho urabe ku ruhande rwanditseko ico canditswe kugira wiyibutse ingene kivuga.