30 NTWARANTE–5 NDAMUKIZA 2026
URURIRIMBO RWA 76 Uca wiyumva gute?
Nuvuge ukuri ubigiranye ukwiyubara
‘ Yehova ni Imana y’ukuri.’—ZAB. 31:5, akajambo k’epfo.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ingene twovuga ukuri mu buryo bukora abantu ku mutima.
1. Dutegerezwa gukora iki kugira ngo tube mu bagize umuryango wa Yehova?
IGIHE duhuye ari bwo bwa mbere n’uwo dusangiye ukwemera, kimwe mu bibazo dukunda kubazanya ni iki: «Wamenye ukuri gute?» Hari abavuga ko ‘bakuriye mu kuri,’ abandi na bo ugasanga bavuga ko ari ‘bashasha mu kuri.’ Twishura gutyo kubera ko ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana gutuma duhindura ingene tubayeho. Uti kubera iki? Kubera tuzi yuko kugira ngo tube mu bagize umuryango wa Yehova dutegerezwa gukunda ukuri no kubaho tukwisunga. Aho harimwo kuba intangakarorero mu vyo tuvuga no mu vyo dukora.—Zab. 15:1-3.
2. (a) Yezu yari azwi gute? (b) Ukuri Yezu yigishije kwogize ingaruka izihe ku bantu?
2 Yezu yari azwi ko yama avuga ukuri. Mbere n’abansi biwe baremeje ko yavuga ukuri naho ivyo yavuga bitama bibagwa neza. (Mat. 22:16) Mu kuvuga ingaruka ukwo kuri kwogize ku bantu, Yezu yagize ati: «Naje gucanishamwo umuhungu na se, umukobwa na nyina, n’umukazana na inabukwe.» (Mat. 10:35) Naho Yezu atashaka ko abantu barwanya inkuru nziza we n’abigishwa biwe bamamaza, yari azi ko boyirwanije ata kabuza. (Mat. 23:37) Yari azi ko ubwo butumwa bwotumye abantu bicamwo imice ibiri: Umuce w’abakunda ukuri kwo muri Bibiliya n’umuce w’abatakwerekwa.—2 Tes. 2:9-11.
3. Twihweza ibiki muri iki kiganiro?
3 Cokimwe na Yezu, turihatira kwama tuvuga ukuri mbere naho vyoshobora gutuma abandi batatwerekwa. Vyongeye, turigisha abantu ukuri kwo muri Bibiliya mbere naho bamwebamwe vyobagwa nabi. None ivyo vyoba bisobanura ko tudakwiye kwiyubara mu kuntu tuvuga ukuri be n’igihe tukuvugirako? Habe namba. Muri iki kiganiro, tugiye kubanza kurondera inyishu y’iki kibazo nyamukuru: Ni hehe twokura ukuri? Mu nyuma, turaza guca irya n’ino ibindi bibazo bifitaniye isano n’ico, na vyo bikaba ari ibi: Kubera iki dukwiye kuvuga ukuri? Twokuvuga gute, kandi twokuvuga ryari? Inyishu z’ivyo bibazo ziraza kudufasha kubona ingene tworyohora ubuhanga bwacu bwo kuvuga ukuri tubigiranye ukwiyubara.
NI HEHE TWOKURA UKURI?
4. Kubera iki twovuga ko Yehova ari we soko ry’ukuri?
4 Yehova ni we soko ry’ukuri. Ivyo avuga vyose ni ukuri. Nk’akarorero, ivyo atubwira ku bijanye n’iciza n’ikibi ni ukuri kwigendera. (Zab. 19:9; 119:142, 151) Ivyo avuga vyose ku bijanye na kazoza, vyama biranguka. (Yes. 55:10, 11) Ivyo asezerana vyose yama abishitsa. (Guh. 23:19) Kanatsinda, Imana ntishobora kubesha. (Heb. 6:18) Birumvikana rero kubona Yehova yitwa «Imana y’ukuri.»—Zab. 31:5, akajambo k’epfo.
5. Kubera iki bitagoye kumenya ya «Mana y’ukuri»? Sigura. (Ivyakozwe 17:27)
5 Abantu benshi bavuga ko ata Mana iriho, canke na ho ngo nimba iriho, biragoye kuyimenya. Ariko rero ibimenyamenya vy’uko iriho tubisanga ahantu hose. (Rom. 1:20) Igihe intumwa Pawulo yariko arayagisha incabwenge zimwezimwe z’i Atene mu Bugiriki, yababwiye ko Imana yipfuza ko bayimenya, be n’uko «itari kure y’umuntu n’umwe muri twebwe.» (Soma Ivyakozwe 17:27.) Ego cane, Yehova arakwegera kuri we abantu bose bicisha bugufi bipfuza kumenya ukuri.—Yoh. 6:44.
6. Ni inyigisho z’ukuri izihe dusanga muri Bibiliya, kandi ni kubera iki ukenguruka kubona warazimenye?
6 Kimwe mu vyodufasha kumenya Yehova ni ukwiga Bibiliya. Abanditse ico gitabu bari bahumekewe n’impwemu nyeranda y’Imana. (2 Pet. 1:20, 21) Ku bw’ivyo rero, ibintu vyose bivugwa muri Bibiliya ni ukuri kandi ni ivyo kwizigirwa. Nk’akarorero, turakwiye kwizigira ivyo ivuga ku bijanye n’ingene ijuru n’isi vyabayeho be n’ingene ubuzima bwatanguye ng’aha kw’isi. (Ita. 1:1, 26) Turakwiye kandi kwizigira ivyo ivuga ku bijanye n’icatumye twese twitwa abacumuzi, be n’igituma dushikirwa n’ingorane nyinshi kandi tugapfa. (Rom. 5:12; 6:23) Vyongeye, turakwiye kwizigira duherejeko ivyo Bibiliya ivuga yuko Yehova azokoresha Umwana wiwe mu gusubiza mu buryo ibintu vyose Shetani yononye, umwe «se w’ikinyoma.» (Yoh. 8:44; Rom. 16:20) N’ikindi kandi, turakwiye kwemera tudakeka ivyo Bibiliya isezerana yuko Yezu azohonya ababisha, akazura abapfuye, agahindura isi Iparadizo, akongera akadufasha kuba abantu batunganye. (Yoh. 11:25, 26; 1 Yoh. 3:8) Umve nawe iryo teka Yehova yaduteye! Yaratwigishije ukuri yongera araduha akaryo ko kukwigisha abandi.—Mat. 28:19, 20.
IGITUMA TUVUGA UKURI
7-8. Kubera iki imvo ituma tuvuga ukuri ihambaye? Tanga akarorero. (Mariko 3:11, 12) (Raba n’amafoto.)
7 Nk’uko twamaze kubibona, turakwiye kuvuga ukuri nimba twipfuza kuba mu bagize umuryango wa Yehova. Ariko rero, ico si co dusabwa gusa kugira ngo tumuhimbare. Imvo ituma tuvuga ukuri irahambaye kuri Yehova. Akarorero kavyerekana ni ikintu cigeze kuba igihe Yezu yariko ararangura igikorwa yashinzwe ng’aha kw’isi. (Soma Mariko 3:11, 12.) Igihe Yezu yariko aravuga inkuru nziza hafi y’ikiyaga c’i Galilaya, hari abantu isinzi baje aho ari. Muri bo, hari abari barwaye amadayimoni bapfukamye imbere yiwe, baca basemerera bati: «Uri Umwana w’Imana.» Kubera iki none ayo madayimoni yavuze ukuri ku vyerekeye Yezu? Ashobora kuba yabigize afise intumbero yo gutuma bayizigira maze mu nyuma akazotuma bava kuri Yehova. Naho ivyo ayo madayimoni yavuze vyari ukuri, yabitumwe n’imvo mbi. Yezu yari azi imvo ayo madayimoni yari afise kandi ivyo yakoze ntivyamuhimbaye. Ni co gituma yaciye ayategeka kutavuga ibimwerekeye.
8 None iyo nkuru itwigisha iki? Imvo zituma tuvuga ukuri zirahambaye cane kuri Yehova. Uca wumva rero ko bihambaye ko twigisha abantu tubitumwe n’imvo nziza, kandi aho kwemera guhayagizwa kubera ico gikorwa, tukerekeza ubuninahazwa bwose kuri Yehova.—Mat. 5:16; gereranya na Ivyakozwe 14:12-15.
Igihe wigisha umuntu ukuri, woba urondera ko ari nde aninahazwa? (Raba ingingo ya 7-8)
9. Ni igiki dukwiye kwirinda, kandi kubera iki?
9 Raba ikindi gihe dukwiye kwirinda kurondera guhayagizwa. Dufate ko umuvukanyi umwe aja imbere abandi atubwiye amakuru y’ibanga, maze natwe tugaca tuyabwira abandi. Hamwe mu nyuma abo twayabwiye bosanga kwari ukuri, boshobora gutangazwa n’ukuba twari tubizi, bagaca bibwira ko akenshi tuba tuzi amakuru menshi y’ibanga. Ego ni ko, ivyo birashobora gutuma batwemera, ariko ntibishobora gutuma Imana ibona ko duhambaye. (Imig. 11:13) Uti kubera iki? Naho ayo makuru aba ari ay’ukuri, tuba twamenye ibanga, ariko kandi tuba twabigiranye imvo mbi.
INGENE TWOVUGA UKURI,
10. Wodondora gute imvugo y’«igikundiro»? (Abakolosayi 4:6)
10 Soma Abakolosayi 4:6. Intumwa Pawulo yaribukije abakirisu b’i Kolosayi ko imvugo yabo ikwiye ‘kwamana igikundiro.’ None ivyo bisobanura iki? Muri uwo murongo, imvugo y’ikigiriki yahinduwe ngo ‘yamane igikundiro’ itanga iciyumviro c’uko ivyo tubwira abandi bidakwiye gusa kuba biremesha, ariko kandi ko bikwiye kuba biranga ubugwaneza kandi biryoshe kwumva.
11-12. Kubera iki dukwiye kwigisha abandi tubigiranye ukwiyubara? Tanga akarorero. (Raba n’amafoto.)
11 Igihe twigisha abandi ukuri, turakwiye gukurikiza iyo mpanuro ya Pawulo idusaba kuvuga amajambo y’igikundiro. Bibiliya ubwayo igereranya ubutumwa buri muri yo n’inkota ikarishe ishobora gutandukanya ubuzima n’impwemu. Mu yandi majambo, ukuri kwo muri Bibiliya kurashobora gushira ahabona ico turi imbere vy’ukuri be n’imvo dukorana ibintu. (Heb. 4:12) Ariko rero hamwe twokoresha Bibiliya tutabigiranye ubuhanga, twoshobora kubabaza umuntu bidakenewe canke tukavyura impari zidakenewe. None ivyo vyoshoboka gute?
12 Raba aka karorero. Dufate ko turiko turamamaza inkuru nziza maze tugahura n’umuntu yama akoresha ibishusho mu gusenga kandi yama ahimbaza Noweli na Pasika ari kumwe n’umuryango wiwe. Twoshobora kwereka uwo muntu muri Bibiliya ko gusenga ibigirwamana bitagira ubuzima ari uguta umwanya, be n’uko Noweli na Pasika ari imisi mikuru yakomotse mu bapagani. (Yes. 44:14-20; 2 Kor. 6:14-17) Hamwe twobigenza gutyo ari ryo rya mbere tuyaze, ego ni ko twoba tumubwiye ukuri, ariko ntitwoba dukoresheje Ijambo ry’Imana tubigiranye ubuhanga.
Wokwigisha gute ukuri ubigiranye ubuhanga? (Raba ingingo ya 11-12)a
13. Tworunga umunyu gute amajambo tuvuga?
13 Pawulo yavuze kandi ko dukwiye kuvuga amajambo arunze umunyu. Ariko rero, ntiyashaka kuvuga ko dukwiye kugoreka ukuri canke kugupfukiranya. Ahubwo yariko aturemesha gukoresha amajambo aryoshe kugira ngo tubwire ukuri umuntu mu buryo bumukora ku mutima. (Yobu 12:11) Ivyo ntivyama vyoroshe. Uti kubera iki? Nk’akarorero ku bijanye n’ibifungurwa, akenshi twiyumvira ko ibituryohera bica biryohera n’abandi. Muri ubwo buryo nyene, twoshobora kwiyumvira ko ukuntu tuvuga biryohera uwo ari we wese. Ariko rero si vyo. Nk’akarorero, abantu bamwebamwe bivanye n’imico yabo usanga bavuga ikintu badaca ku ruhande, mbere n’igihe baba bariko barayaga n’abantu babaruta. Ariko abo mu yindi mico na bo, boshobora kubona ko ubwo buryo bwo kuvuga butabereye mbere ko ari ukubura urupfasoni. Pawulo yavuze ko dukwiye kumenya ingene ‘dukwiye kwishura umuntu wese.’ Ivyo bisobanura ko dukwiye kwiyubara kugira ngo ntituvuge gusa ibituryohera canke ivyemewe mu mico yacu, ahubwo nyabuna tuvuge ibiryohera uwo tuyaga.
IGIHE TWOVUGIRAKO UKURI
14. Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi yoba yarigishije abigishwa biwe ibintu vyose yari azi? Sigura.
14 Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yama abwira abigishwa biwe amajambo y’igikundiro kandi akabigisha ibintu vyinshi abigiranye umutima mwiza. (Mrk. 6:34) Ariko naho bari bagikeneye kumenya n’ibindi vyinshi, Yezu ntiyagerageje kubigisha ivyo yari azi vyose. Yari azi ko bari n’aho bageza. Yaratahura ko hatari bwagere ko bamenya ibintu bimwebimwe. Kanatsinda, yavuze ko hariho ibintu batoshoboye kwihanganira. (Yoh. 16:12) None ivyo bitwigisha iki?
15. Abo twigisha Bibiliya twoba dukwiye kubigishiriza rimwe ivyo tuzi vyose? Sigura. (Imigani 25:11) (Raba n’ifoto.)
15 Ako karorero ka Yezu karerekana ko kuba tuzi ukuri bidakwiye guca bituma twigishiriza rimwe abandi ivyo tuzi vyose. None twokwigana gute akarorero kiwe? Turakwiye kuzirikana uko ivy’abo twigisha vyifashe. Subira wiyumvire ka karorero ka wa muntu ahimbaza Noweli na Pasika ari kumwe n’umuryango wiwe. Turazi ko iyo misi yakomotse mu bapagani kandi ko idahimbara Imana y’ukuri. Dufate rero ko uwo muntu mwatanguye kwiga Bibiliya hasigaye indwi imwe canke zibiri ngo Noweli ishike. Nka hamwe woca umwereka ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye no guhimbaza iyo misi mikuru maze ugaca witega ko azoca areka guhimbaza iyo Noweli, ubwo woba umubwiye amajambo y’igikundiro? Ni ivy’ukuri yuko abo twigisha Bibiliya bamwebamwe baca bihutira gushira mu ngiro ivyo biga. Ariko rero abandi birashobora gufata igihe kugira ngo bahindure uko babona ibintu. Twoshobora gufasha abo twigisha Bibiliya gutera imbere hamwe twobabwira gusa ivyo bakeneye kumenya kandi tukabivuga ku gihe kibereye, ni ukuvuga igihe bashobora kuvyihanganira.—Soma Imigani 25:11.
Niwigane Yezu mu kumenya igihe wovuga ukuri be n’ivyo wovuga uko bingana (Raba ingingo ya 15)
16. Twofasha gute abo twigisha Bibiliya ‘kuguma bagendera mu kuri’?
16 Gufasha abandi kumenya ivyerekeye Yehova ni kimwe mu bintu bituma tugira umunezero mwinshi cane. Turashobora kubafasha ‘kuguma bagendera mu kuri’ hamwe twobandanya kubaha akarorero keza. (3 Yoh. 3, 4) Mu buzima bwawe bwa misi yose, niwerekane ko wizigira ivyo Imana yasezeranye mw’Ijambo ryayo. Nuvuge ukuri ubitumwe n’imvo nziza. Igihe wigisha umuntu ukuri, nuvuge amajambo y’igikundiro, y’ubugwaneza kandi aremesha, wongere uyavuge ku gihe kibereye. Bishitse na ho bakaguhayagiza, nuce werekeza ubuninahazwa kuri Yehova. Niwakora ivyo bintu vyose, uzoba werekanye ko uri umusavyi wa Yehova, ya Mana y’ukuri.
URURIRIMBO RWA 160 «Inkuru nziza»
a INSOBANURO Y’IFOTO: Kw’ifoto ya mbere, umuvukanyi arabonye igiti ca Noweli mu nzu y’uwo ariko arayagisha, agaca amwereka ikiganiro kivuga ko umusi mukuru wa Noweli wakomotse mu bapagani. Kw’ifoto igira kabiri, wa muvukanyi ariko aramwereka ikiganiro kirimwo ivyiyumviro vyofasha ba serugo. Muri ubwo buryo bubiri, ni ubuhe buza gutuma aroranirwa?