INGENE WOKWIYIGISHA
Niwihe ishusho y’ibivugwa muri Bibiliya
Bibiliya irimwo inkuru nyinshi z’ibintu vyabaye zitwigisha ivyigwa bihambaye. Kwiha ishusho y’ibivugwa muri izo nkuru, birashobora kudufasha gutahura neza ivyo tuba turiko turasoma kandi bikarushiriza kutugirira akamaro. Raba ibintu bimwebimwe vyogufasha kwiha ishusho y’ivyo usoma.
Soma n’ijwi ryumvikana. Gusoma Bibiliya n’ijwi ryumvikana birashobora gutuma ubona neza mu bwenge ibiriko biravugwa. Igihe na ho muyisoma uko mugize umuryango, murashobora gutuma inkuru muriko murasoma irushiriza kuryoha hamwe mwogabangana abavugwa muri iyo nkuru, umwe wese agasoma ivyavuzwe n’umuntu kanaka.
Niwihe ishusho. Gerageza kwiyumvisha ingene abavugwamwo bari bamerewe be n’ivyo bariko bariyumvira. Nk’akarorero, niwibaze uti: «Kubera iki uyu muntu yavuze gutya canke akavyifatamwo gutya? Iyo aza kuba ari jewe, nari kwiyumvira iki canke nari kwumva merewe gute?»
Nubicape. Gucapa inkuru zivugwa muri Bibiliya birashobora kugufasha kwiha ishusho yazo no kuzibuka neza, naho utoba wabicafye neza.