ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 83
  • Nonanira gute ibigeragezo?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nonanira gute ibigeragezo?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico ukwiye kumenya
  • Ico wokora
  • Wonanira gute inyosha mbi?
    Be maso!—2014
  • Dutsinde Ubugoyagoye bwa Muntu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Nonanira gute inyosha mbi?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Kugeragezwa
    Be maso!—2017
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 83
Umusore aciye yumva ageragejwe kubera abonye umuhungu n’umukobwa bakundanye, abahungu babiri bariko bararaba telefone, n’umukobwa arenganye

URWARUKA RURIBAZA

Nonanira gute ibigeragezo?

Intumwa Paulo yanditse ati: “Iyo nshatse gukora ikigororotse, ikibi kibana nanje.” (Abaroma 7:21) Ivyo na we vyoba bimaze kugushikira? Nimba vyaragushikiye, iki kiganiro kirashobora kugufasha kunanira icipfuzo co gukora ibintu bibi.

  • Ico ukwiye kumenya

  • Ico wokora

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Ico ukwiye kumenya

Ibigeragezo bikunda kujana n’akosho k’urunganwe. Ni co gituma Bibiliya ivuga ko “kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.” (1 Abakorinto 15:33) Abandi bantu canke ibimenyeshamakuru birashobora kuvyura muri wewe ivyipfuzo bituma ushaka gukora ibintu bibi canke mbere bituma ‘ukurikira isinzi mu ntumbero mbi.’​—Kuvayo 23:2.

“Icipfuzo co gushimwa n’abandi canke kwemerwa na bo kirashobora gutuma ukora nk’ivyo abandi bakora kugira gusa bakwemere.”​—Jeremy.

Zirikana kuri iki kintu: Kubera iki kunanira ibigeragezo bishobora kurushiriza kukugora igihe urazwa ishinga cane n’ukuntu abandi bakubona?​—Imigani 29:25.

Iciyumviro nyamukuru: Ntureke ngo akosho k’urunganwe gatume udohoka ku ngingo ngenderwako wisunga.

Ico wokora

Nujijuke ku vyo wemera. Igihe utajijutse ku vyo wemera, uca umera nk’agapupe abandi bakinisha uko bashaka. Urakwiye gukurikiza impanuro yo muri Bibiliya igira iti: “Mwiyemeze neza ibintu vyose; mugumye ivyiza.” (1 Abatesalonika 5:21) Igihe utahura neza ivyo wemera, bica bikworohera kuvyumirako no kunanira ibikwosha gukora ibihushanye na vyo.

Zirikana kuri iki kintu: Ni igiki kikwemeza ko amategeko y’Imana ajanye n’inyifato runtu ariho ku neza yawe?

“Narabonye ko igihe cose numiye ku vyo nemera kandi sinorohere inyosha mbi, bituma abandi barushiriza kunyubaha.”​—Kimberly.

Umuntu wo muri Bibiliya wokwigana: Daniyeli. Ashobora kuba yari akiri umuyabaga igihe “yiyemeza mu mutima wiwe” kugamburuka amategeko y’Imana.​—Daniyeli 1:8.

Umusore aboshe n’imigozi, bariko baramukinisha nk’agapupe

Igihe utajijutse ku vyo wemera, uca umera nk’agapupe abandi bakinisha uko bashaka

Numenye aho ugoyagoya. Bibiliya iravuga ibijanye n’“ivyipfuzo bijana n’ubuto,” ni ukuvuga ivyipfuzo bikarira cane abakiri bato. (2 Timoteyo 2:22) Ivyo vyipfuzo ntibigizwe gusa n’inambu y’umubiri. Birimwo n’icipfuzo co kwemerwa n’abandi hamwe n’agatima ko gushaka kwigenga hataragera.

Zirikana kuri iki kintu: Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese arageragezwa iyo akwezwe kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite.” (Yakobo 1:14) Icipfuzo kikubangamira cane ni ikihe?

“Niwisuzume utibesha umenye ibigeragezo bigukarira. Nugire ubushakashatsi kugira ubone ingene wobinanira, wandike n’ivyiyumviro wokwikorako. Niwasubira guhura n’ico kigeragezo, uzoba uzi ingene wokinanira.”​—Sylvia.

Umuntu wo muri Bibiliya wokwigana: Dawidi. Vyarashitse aratwarwa n’akosho k’abandi, tudasize inyuma ivyipfuzo vyiwe bwite. Ariko yarakuye icigwa ku makosa yiwe hama aragerageza kwikosora. Yatakambiye Yehova ati: “Nureme muri jewe umutima utyoroye, ewe Mana, ushire muri jewe impwemu nshasha, ihamye.”​—Zaburi 51:10.

Ntiwirekerane. Bibiliya ivuga iti: “Ntureke ngo utsindwe n’ikibi.” (Abaroma 12:21) Ivyo bisobanura ko udakwiye kwirekerana ngo utwarwe n’ibigeragezo. Urashobora guhitamwo gukora ikibereye.

Zirikana kuri iki kintu: Ni ibiki vyogufasha kutirekerana igihe wohejwe gukora ikibi?

“Ndazirikana ukuntu nomererwa hamwe nokworohera inyosha mbi. Noba nonezerwa? Kumbure nonezerwa muri ako kanya. None uwo munezero woba uzobandanya? Oya, ahubwo mu nyuma nokwicuza cane. None vyoba bibereye ko nirirwa ndacitamwo? Oya.”​—Sophia.

Umuntu wo muri Bibiliya wokwigana: Paulo. Naho yiyemereye ko vyashika akumva yokora ibintu bibi, ntiyirekeranye. Yanditse ati: “Umubiri wanje ndawukubitagura ibipfunsi nkawujana nk’umuja.”​—1 Abakorinto 9:27.

Iciyumviro nyamukuru: Igihe uhanganye n’ikigeragezo, ni wewe wifatira ingingo y’ico wokora.

Uribuka ko ibigeragezo ari ivy’akanya gato. Melissa w’imyaka 20 avuga ati: “Ibintu vyinshi nabona ko ari ibigeragezo bikomeye nkiri kw’ishure, ubu mbona ko ata co bitwaye. Ivyo biranyereka ko n’ibigeragezo binshikira ubu na vyo nyene bizohera, be n’uko umusi uri izina nzotereza amaso inyuma nkabona ko nagize neza kuba naravyihanganiye.”

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Olivia

“Kugira umwiyemezo no kuwumirako naho abandi bovuga iki, biramfasha kunanira ibigeragezo. Nk’akarorero, maze gufata ingingo yo kudakora ikintu kanaka, ndayumirako kandi sindayigarukako canke ngo nihindukize mw’ijambo kubera ingingo abandi bafata.”​—Olivia.

Jared

“Abakiri bato baragirwako akosho gakomeye ko kuja mu birori no gukora ibintu vyose biberayo, nko kunywa inzoga, urumogi no gukora ubuhumbu. Nasanze ari vyiza kubiyagira abavyeyi banje ata co ndabahisha. N’ikindi kandi, kuguma mfise vyinshi nkora biramfasha kwirinda ibigeragezo.”​—Jared.

Mayan

“Kimwe mu bigeragezo bingora kunanira ni ugukora ikintu usanga atari kibi ku bandi, ariko kuri jewe kikaba ari kibi, nk’igihe mba nshaka guhitamwo uburyo bwo kwinezereza. Utegerezwa kuba utahura neza ingingo ngenderwako wisunga kugira unanire mwene ico kigeragezo, kandi ivyo bisaba umwanya no kuba uzi utuntu n’utundi.”​—Mayan.

Julian

“Kugira ushobore kunanira ikigeragezo bisaba ko wisuzuma utibesha. Utegerezwa kuba uzi imbuga zo kuri internet wosangako ibintu bikugerageza, nk’ibijanye n’ubuhumbu, kandi ukaba uzi uko wovyifatamwo uhuye n’ibintu nk’ivyo. Utegerezwa kuba uzi neza ico wokora kugira ntugwe muri ico kigeragezo.”​—Julian.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika