ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 19
  • Kubera iki nikebagura?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki nikebagura?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igituma hari abadukana ingeso yo kwikebagura
  • Kubera iki abantu bikebagura?
  • Nimba ufise iyo ngorane, ni gute woyitorera umuti?
  • Wofasha gute umwana wawe yigirira nabi ku mubiri?
    Be maso!—2013
  • Kubera iki wobandanya kubaho?
    Be maso!—2014
  • Nobigenza gute mfise ingorane y’amagara? (Igice ca 3)
    Urwaruka ruribaza
  • “Umugororotsi azonezerwa muri Yehova”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 19

URWARUKA RURIBAZA

Kubera iki nikebagura?

  • Igituma hari abadukana ingeso yo kwikebagura

  • Kubera iki abantu bikebagura?

  • Nimba ufise iyo ngorane, ni gute woyitorera umuti?

  • Ikiganiro c’ukubaza ibibazo

  • Ibibazo vyo kuzirikanako

  • Agakaye kanje k’ivyanditswe

Igituma hari abadukana ingeso yo kwikebagura

Kwikebagura ni bumwe mu buryo abantu bakoresha bashaka kwigirira nabi ku mubiri. Mu bundi buryo bakoresha harimwo kwiturira, kwikomeretsa, kwishikura imishatsi canke kwikubitagura. Iki kiganiro kivuga ibijanye no kwikebagura, ariko ingingo ngenderwako zirimwo zirakora no ku bundi buryo bwo kwigirira nabi ku mubiri.

Nusuzume ubumenyi bwawe: Ni vyo canke si vyo.

  1. Abakobwa bonyene ni bo bikebagura.

  2. Kwikebagura birarenga kw’itegeko riri muri Bibiliya mu Balewi 19:28, ahavuga ngo: “Ntimuze mwikebagure mu mubiri wanyu.”

Inyishu z’ukuri:

  1. Si vyo. Naho iyo ngorane izwi cane ku bakobwa, hariho n’abahungu bamwebamwe bikebagura kandi bakibabaza ku mubiri mu bundi buryo.

  2. Si vyo. Mu Balewi 19:28 herekeza ku mugenzo wa kera wa gipagani, ntiherekeza ku kuza umuntu arigirira nabi ku mubiri abitumwe n’ingorane kanaka nk’uko bivugwa muri iki kiganiro. Naho ari ukwo, ni ivyumvikana kwiyumvira ko Umuremyi wacu munyarukundo adashaka ko twigirira nabi.​—1 Abakorinto 6:​12; 2 Abakorinto 7:1; 1 Yohani 4:8.

Kubera iki abantu bikebagura?

Nusuzume ubumenyi bwawe: Ni iciyumviro ikihe ubona ko ari ic’ukuri gusumba ibindi?

Abantu bikebagura . . .

  1. kubera ko baba bariko baragerageza gutorera umuti umubabaro wo mu mutima.

  2. kubera ko baba bariko barondera kwiyica.

Inyishu y’ukuri: A. Abantu nka bose bikebagura ntibaba bashaka gupfa. Baba bashaka gusa ko bareka kwihebura.

Raba ivyo abakiri bato bamwebamwe bavuze ku bijanye n’ingeso bari bafise yo kwikebagura.

Celia: “Vyatuma numva nduhuriwe.”

Tamara: “Vyambera nk’ubuhungiro. Nahitamwo kubabara ku mubiri hako mbabara mu mutima.”

Carrie: “Naranka kwumva mbabaye. Kwikebagura vyatuma ndeka kwiyumvira umubabaro naba mfise ahubwo nkiyumvira ukuntu naba ndiko ndababara ku mubiri.”

Jerrine: “Igihe cose naba nikebaguye, wasanga ntasubira kwiyumvira umubabaro naba mfise. Ico kintu carandyohera.”

Nimba ufise iyo ngorane, ni gute woyitorera umuti?

Gusenga Yehova Imana ni intambwe ihambaye yo gusubirana. Bibiliya ivuga iti: “Muterere amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.”​—1 Petero 5:7.

Inama ugiriwe: Nutangurire ku masengesho magufi, kumbure ubwire gusa Yehova uti: “Ndakeneye imfashanyo.” Buhorobuhoro, uzoshobora kwugurura umutima usukire inyiyumvo zawe iyo “Mana y’uruhoza.”​—2 Abakorinto 1:​3, 4.

Isengesho si ikintu gusa gica gituma twumva tumerewe neza. Ahubwo ni ukuganira koko na Data wa twese wo mw’ijuru, uwusezerana ati: “Nzogufasha vy’ukuri. Emwe, nzogufata nkugumye n’ukuryo kwanje kw’ubugororotsi.”​—Yesaya 41:10.

Benshi mu bahora bikebagura barahumurijwe kandi no kubibwira umuvyeyi canke uwundi muntu akuze bizigiye. Raba ibi bintu vyavuzwe n’abakiri bato batatu babigenjeje gutyo.

Ikiganiro c’ukubaza ibibazo

  • Diana, imyaka 21

  • Kathy, imyaka 15

  • Lorena, imyaka 17

Igihe watangura kwikebagura wari ufise imyaka ingahe?

Lorena: Nabitanguye mfise imyaka nka 14.

Diana: Nari mfise imyaka 18, kandi incuro nabigira zarahindagurika. Narashobora kumara indwi imwe canke zibiri nikebagura buri musi, canke hagahera ukwezi ntabigize.

Kathy: Natanguye igihe nari mfise imyaka 14. N’ubu birashika kagacamwo.

Ni kubera iki wumva ushaka kwibabaza?

Kathy: Numva niyanse. Nabona ko ata muntu yongira umugenzi.

Diana: Rimwe na rimwe umubabaro naba mfise warahinduka ukaba ishavu, ishavu naryo rikavamwo ukwihebura. Ukwo kwihebura kwarashobora gukomera gushika n’aho kundengera. Wamenga muri jewe hariyo igikoko kinini, kandi ni nk’aho nategerezwa kwikeba kugira ngo gisohoke.

Lorena: Narashobora kugira umubabaro canke nkashavura canke gusa nkumva ncitse intege. Narumva niyanse, kandi nashaka gusohora izo nyiyumvo mbi zose. Rimwe na rimwe numva umenga nta kindi nokora atari ukwibabaza ku mubiri.

Kwibabaza vyoba vyaratuma wumva umerewe neza?

Diana: Ego. Narumva nduhuriwe, nk’aho hari umuzigo umvuyeko.

Kathy: Bimeze nko kurira. Mpejeje kwikebagura narumva merewe neza nka kurya nyene abantu bamwebamwe bumva bamerewe neza iyo bahejeje kurira.

Lorena: Kwigirira nabi ku mubiri vyari nko gutobora agatoboro gatoyi ku gipurizo kirimwo inyiyumvo mbi kiri muri jewe. Nticaca giturika; ahubwo cagenda buhorobuhoro kirasohora izo nyiyumvo mbi.

Woba waratinya kugira uwo ubwiye ivyo wakora?

Lorena: Ego. Naratinya ko abantu bokwiyumvira ko nasaze. N’ikindi kandi sinashaka ko abandi bamenya ivyanje.

Diana: Abantu bama bambwira ko ndavyifatamwo neza, rero nashaka ko baguma babona ibintu gutyo. Numva ko gusaba imfashanyo vyoba biranga ubugoyagoye.

Kathy: Naratinya ko abantu bokwiyumvira yuko ntakomeye mu mutwe, ivyo na vyo bikaba vyari gutuma ndushiriza kwumva merewe nabi. Uretse n’ivyo, numva ko ivyo nariko ndigirira vyari bikwiriye.

Ni igiki catumye ibintu bihinduka?

Lorena: Narabwiye mama ivyo nakora. Narafashijwe kandi n’umuganga, uno akaba yaramfashije gucungera inyiyumvo zanje mbi. Vyarashika kagacamwo, ariko kugira ivyo ndyohoye ku kuntu niyigisha Bibiliya vyaramfashije. Nagumanye kandi umwete mu busuku bwa gikirisu. Kumbure bizokwama bishika rimwe na rimwe numve ko ata co maze; ariko ivyo bishitse, ndagerageza kutareka izo nyiyumvo ngo zinganze.

Kathy: Hari umuvukanyikazi mukirisu ansumvya hafi imyaka cumi yambwiye ko nshobora kuba mfise ingorane, maze amaherezo ndamuhishurira iyo ingorane. Naratangaye igihe yambwira ko na we nyene yari yaragize iyo ngorane yo kwikebagura. Ntivyanteye ubuyega kubimubwira kubera ko na we vyari vyaramushikiye. Narafashijwe kandi n’umuganga, uwadufashije twe n’abavyeyi banje gutahura ivyo bintu vyariko biranshikira.

Diana: Umusi umwe mw’ijoro nari nagiye kuramutsa umugabo n’umugore umwe bubakanye nizigira, maze uwo mugabo arabona ko hari ikitagenda neza kuri jewe. Yaransavye abigiranye umutima mwiza ngo ndababwire ingorane nari mfise. Umugore wiwe yarangumbiriye nka kumwe nyene mama yabigira nkiri muto. Naciye ntangura kurira, na we nyene aca ararira. Ntivyari vyoroshe kubabwira ibintu nagira, ariko ndahimbawe cane kuba narabibabwiye.

Ni gute Bibiliya yabafashije?

Diana: Bibiliya yaramfashije gutahura ko ntokwishoboza kurwanya iyo ngorane. Ndakeneye gufashwa na Yehova Imana.​—Imigani 3:​5, 6.

Kathy: Gusoma Bibiliya, kandi nkaba nzi ko ubutumwa buri muri yo buva ku Mana, birampumuriza cane!​—2 Timoteyo 3:​16.

Lorena: Iyo hagize icanditswe kinkora ku mutima, nca ndacandika mu gakaye kugira ngo nze kukizirikana mu nyuma.​—1 Timoteyo 4:​15.

Hoba hariho icanditswe kanaka cagukoze ku mutima?

Diana: Mu Migani 18:1 havuga hati: “Uwigungira ukwiwe arondera icipfuzo ciwe c’ubwikunzi; arwanya ubukerebutsi ngirakamaro bwose.” Rimwe na rimwe birangora kuja mu bandi, ariko ico canditswe kiramfasha kubona ko kwigungira ukwanje birimwo akaga.

Kathy: Icanditswe nkunda ni Matayo 10:29, 31, aho Yezu yavuze ko ata n’akajuri na kamwe gapfa ngo Yehova Imana agende atabimenye. Yaciye yongerako ati: ‘Ntimutinye: mwebwe muri n’agaciro kuruta utujuri twinshi.’ N’ubu, ayo majambo ndayasomye aranyibutsa ko mfise agaciro kuri Yehova.

Lorena: Ndakunda icanditswe co muri Yesaya 41:​9, 10, aho Yehova abwira abasavyi biwe ati: “Sinagutaye. Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe. . . . Nzogukomeza.” Kuri jewe “gukomeza ikintu” ni gutuma kiba ikitamenwa, nka kurya kw’inyubakwa yubakishijwe amabuye. Ico canditswe kiratuma numva mfise ububasha, kuko nzi ko Yehova ankunda be n’uko azokwama ari kumwe nanje.

Ibibazo vyo kuzirikanako

  • Igihe ukeneye imfashanyo, ni nde wokwitura?

  • Ni igiki wobwira Yehova Imana mw’isengesho ku bijanye n’iyo ngorane?

  • Wovuga ibintu bibiri (hatarimwo ivyo kwigirira nabi ku mubiri) wokora kugira ngo umubabaro wawe uhere?

Agakaye kanje k’ivyanditswe

Inama ugiriwe: Iyo usomye icanditswe kigukura amazinda ko Yehova agukunda canke gishobora kugufasha kurushiriza kwibona no kubona inyiyumvo zawe mu buryo buri ku burimbane, nuce ucandika mu gakaye. Niwandike n’iryungane rimwe canke abiri yerekana igituma ico canditswe gihambaye kuri wewe. Kugira ngo tugufashe gutangura, ng’ibi ivyanditswe bimwebimwe Diana, Kathy be na Lorena basanze bifasha.

  • Abaroma 8:​38, 39

    “Ico canditswe kiranyereka ko Yehova ankunda, n’igihe nyene mba mbona ko ibintu bidashobora kwunyuka.”​—Diana.

  • Zaburi 73:23

    “Ivyanditswe mwene ivyo birankura amazinda ko ntari jenyene. Ni nk’aho Yehova ari neza na neza iruhande yanje.”​—Kathy.

  • 1 Petero 5:​10

    “Turashobora kudaca twumva turuhuriwe ubwo nyene; twoshobora kuba tubwirizwa kubabara ‘akanya gatoya.’ Yamara, amaherezo Yehova arashobora kudukomeza bikwiye kugira twihanganire ikintu ico ari co cose.”​—Lorena.

Ibindi vyanditswe worimbura

  • Zaburi 34:18

  • Zaburi 54:4

  • Zaburi 55:22

  • Yesaya 57:15

  • Matayo 11:28, 29

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika