ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 9
  • Imana yoba ifise izina?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana yoba ifise izina?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Izina ry’Imana
    Be maso!—2017
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • A4 Izina ry’Imana mu Vyanditswe vy’igiheburayo
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Imana irafise izina!
    Be maso!—2004
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 9
Izina ry’Imana mu giheburayo

Imana yoba ifise izina?

Inyishu Bibiliya itanga

Abantu bose barafise amazina. Wumva none bitumvikana ko n’Imana igira izina? Kimwe mu bintu bihambaye biranga abagenzi ni ukuba bafise amazina kandi bakayakoresha mu guhamagarana. Si ko none bikwiye kumera no ku bugenzi tugiranira n’Imana?

Muri Bibiliya, Imana ivuga iti: “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje.” (Yesaya 42:8) Naho ifise kandi amazina y’icubahiro menshi, nka “Imana Mushoboravyose,” “Umukama Segaba,” na “Umuremyi,” iratera iteka abasavyi bayo mu kubabwira ngo bayihamagare mw’izina ryayo ry’uruharo.—Itanguriro 17:1; Ivyakozwe 4:24; 1 Petero 4:19.

Bibiliya nyinshi zirimwo izina ry’uruharo ry’Imana muri Kuvayo 6:3. Uwo murongo uvuga uti: “Narabonekera Aburahamu, Izahaki na Yakobo bwa Mana Mushoboravyose, mugabo ntaho nimenyekanishije kuri bo mw’izina ryanje Yehova.”

Yehova ni ryo zina ry’Imana rimaze igihe rikoreshwa mu kirundi. Naho abahinga benshi bashima ko ryaturwa ngo “Yahweh,” Yehova ni ryo rizwi cane rwose. Igice ca mbere ca Bibiliya nticanditswe mu kirundi ahubwo canditswe mu giheburayo, runo rukaba ari ururimi rusomwa uva iburyo uja ibubamfu. Muri urwo rurimi, izina ry’Imana ryanditswe mu ndome zine ari zo z’izi: יהוה. Izo ndome zine z’igiheburayo zitwa Tetaragarama; uzishize mu ndome zikoreshwa mu kirundi zica ziba: YHWH.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika