Yesaya
3 Kuko, ehe Umukama w’ukuri+, Yehova nyen’ingabo, agira akure muri Yeruzalemu+ no muri Yuda icishimikizo n’ubwegamo, icishimikizo cose c’umukate n’icishimikizo cose c’amazi+, 2 umugabo w’umunyenkomezi n’umurwanyi, umucamanza n’umuhanuzi+, umuraguzi n’umuhumure+, 3 umukuru wa mirongo itanu+ n’umuntu yubahwa cane n’umujanama na karuhariwe mu vy’amageza, n’umugosi w’umuhanga+. 4 Uduhungu ni two nzogira abaganwa babo, kandi ububasha bw’akiganzo gusa ni bwo buzobaganza+. 5 Kandi abantu ntibazobura gutwazanya umukazo, mbere umwe wese atwaze umukazo mugenziwe+. Bazosimbiranako, agahungu gasimbire ku musaza+, uwubahwa buhoro na we asimbire ku wukwiye guterwa iteka+. 6 Kuko umwe wese azocakira mwene wabo mu nzu ya se, akavuga ati: “Urafise umutamana. Ukwiye kutubera intwazagikenye+, kandi iki kirundo c’ibihomvagurike gikwiye kuba munsi y’ukuboko kwawe.” 7 Azoshira ijwi hejuru kuri uyo musi, ati: “Sinzoba uwutekera ibikomere; kandi mu nzu yanje ntihagira umukate canke umutamana. Ntimungire intwazagikenye ku bantu.”
8 Kuko Yeruzalemu yatsitaye, na Yuda ikaba yaraguye+, kuko ururimi rwabo be n’ivyo bakora ari ibirwanya Yehova+, mu kugarariza mu maso y’ubuninahazwa bwiwe+. 9 Uko mu maso habo hameze, harabâgiriza koko+, kandi barahishura igicumuro cabo kimeze nk’ica Sodomu+. Ntibakinyegeje. Baragowe! Kuko bikwegeye ivyago+.
10 Nimuvuge yemwe yuko umugororotsi bizomugendera neza+, kuko bazorya ivyamwa vy’ibikorwa vyabo+. 11 Aragowe umubisha!—Ivyago bari kumwe; kuko ivyo amaboko yiwe yagiriye abandi ari vyo azogirirwa+! 12 Nayo abantu banje, abagabuzi babo b’ibikorwa barahambara, kandi abagore ni bo vy’ukuri babaganza+. Ewe gisata canje, abakuyobora bariko barakwangaza+, kandi inzira y’iminyuro yawe barayivurunganije+.
13 Yehova arahagaze ngo arwane, kandi arahagurutse ngo asomere urubanza ibisata vy’abantu+. 14 Yehova ubwiwe azokwinjira mu rubanza n’abahumure b’igisata ciwe n’abaganwa baco+.
“Kandi mwebwe ubwanyu umurima w’imizabibu mwarawutongoye. Icambuwe umurushwa kiri mu mazu yanyu+. 15 Ni iki ga yemwe ko mujanjagura abantu banje, mugasya mu maso h’abarushwa+?”, ni ko Umukama Segaba, Yehova nyen’ingabo, avuze.
16 Kandi Yehova avuga ati: “Kubera ko abakobwa ba Siyoni bacitse abibona, bakagenda amazosi bararitse, bongera baberengura amaso, bagenda bikumagura, ibirenge vyabo bijegera+, 17 Yehova na we ntazobura guteza ibisekera urutwariro rw’abakobwa ba Siyoni+, kandi Yehova ubwiwe azokoba uruhanga rwabo+. 18 Kuri uwo musi Yehova azokuraho ubwiza bw’ububangiri n’udutengamutwe n’udusharizo tw’imero y’ukwezi+, 19 amahereni arekera n’ibikomo n’ivyitwikiro+, 20 ibitambara vyo mu mutwe n’imigufu yo ku maguru n’imikanda yo mu gikiriza+ n’‘utujamwo ibimota’ be n’ibiruka bihinda vy’ugushariza+, 21 impeta z’intoki n’impeta z’izuru+, 22 amakanzu y’imararubanza n’imitamana n’ibikwemu n’amasaho, 23 n’ivyirore vyo mu minwe+ n’impuzu zo munsi n’ibitambara vyo mu mutwe+ n’ivyitwikiro+ vyagutse.
24 “Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba: mu kibanza c’amavuta y’umusomozo*+ hazoba gusa umunuko w’ikintu kigashe; mu kibanza c’umukaba na ho, umugozi; mu kibanza c’umushatsi utunganijwe ku buhinga na ho, ubuhanza+; mu kibanza c’impuzu izimvye na ho, ugukenyera igunira*+; iharama ry’umwotso+ mu kibanza c’ubwiza. 25 Abantu bawe bazogwishwa n’inkota, ubushobozi bwawe na bwo bugwishwe n’intambara+. 26 Aminjiriro yiwe azobwirizwa kugandara+ no guserura agahinda, kandi ata gukeka azokuburwa. Azokwicara hasi kw’isi+.”