ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
Itangazo
Ururimi rushasha: Dendi
  • Uno musi

Ku wa gatandatu, 9 Myandagaro

Nimba hari uwushaka kunkurikira, niyiyanke, yikorere igiti ciwe co kubabarizwako ku musi ku musi, hanyuma agume ankurikira.—Luka 9:23.

Ushobora kuba warahamwe n’abo mu muryango, canke warahevye ibintu bimwebimwe vy’umubiri kugira ngo ushire imbere ivyungura Ubwami. (Mat. 6:33) Nimba ari ukwo, nuhere amazinda ko Yehova abona ivyo bintu wakoze ku bwiwe. (Heb. 6:10) Birashoboka ko amajambo Yezu yavuze yakuranguyeko, ayagira ati: «Nta muntu n’umwe yahevye inzu, benewabo, bashikiwe, nyina wiwe, se wiwe, abana canke amatongo ku bwanje no kubera inkuru nziza, atazoronka muri iki gihe ibiruta ivyo incuro 100: amazu, benewabo, bashikiwe, ba nyina, abana, amatongo, biri kumwe n’uruhamo. Muri kazoza na ho azoronka ubuzima budahera.» (Mrk. 10:​29, 30) Mu vy’ukuri, imihezagiro wironkeye iraruta kure n’iyo ivyo wahevye vyose.—Zab. 37:4. w24.03 9 ing. 5

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025

Ku wa mungu, 10 Myandagaro

Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’ivyago.—Imig. 17:17.

Igihe abakirisu b’i Yudaya baterwa n’inzara ikomeye, abavukanyi b’i Antiyokiya baciye “biyemeza . . . kurungikira imfashanyo abavukanyi b’i Yudaya, umwe wese agatanga ico ashoboye.” (Ivyak. 11:​27-30) Naho abavukanyi batewe n’inzara baba kure, abavukanyi b’i Antiyokiya bari biyemeje kubafasha. (1 Yoh. 3:​17, 18) Na twebwe turashobora kugaragaza ikibabarwe muri iki gihe, igihe tumenye ko hari abo dusangiye ukwemera bashikiwe n’ivyago. Duca twihutira kugira ico dukoze kumbure mu kubaza abakurambere nimba twofasha mu gikorwa kanaka, mu gutanga intererano ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, canke mu gusenga dusabira abo bashikiwe n’icago. Vyongeye, vyoshobora kuba ngombwa ko dufasha abavukanyi na bashiki bacu kuronka ivyo bakeneye. Ese Umwami wacu Yezu Kristu niyaza gushitsa urubanza, yosanga tugaragaza ikibabarwe maze akadutumira ‘gutorana Ubwami!’—Mat. 25:​34-40. w23.07 4 ing. 9-10; 6 ing. 12

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025

Ku wa mbere, 11 Myandagaro

Bose nibabone ko muri abantu batadadaza.—Flp. 4:5.

Yezu yariganye Yehova mu bijanye no kutarenza urugero. Yarungitswe kw’isi kubwira inkuru nziza “intama zazimiye zo mw’ihanga rya Isirayeli.” Ariko rero yaragira uburimbane muri ico gikorwa. Igihe kimwe, hari umugore atari Umwisirayeli yamwinginze ngo amukirize umukobwa “yari arembejwe n’idayimoni.” Yezu abigiranye impuhwe, yarakoze ivyo uwo mugore yari amusavye arakiza uwo mukobwa. (Mat. 15:​21-28) Raba akandi karorero. Haciye igihe gito Yezu atanguye igikorwa ciwe, yavuze ati: “Uwo wese anyihakana . . . , nanje nzomwihakana.” (Mat. 10:33) None yoba yarihakanye Petero, umwe yamwihakana incuro zitatu? Habe namba. Yezu yari azi ko Petero yigaye, be n’uko yari afise ukwizera. Yezu amaze kuzuka, yariyeretse Petero, kandi bikaba bishoboka cane yuko yamubwiye ko yamubabariye be n’uko amukunda. (Luka 24:​33, 34) Yehova Imana be na Yezu Kristu ntibarenza urugero. Tweho bite? Yehova yiteze ko natwe tuba abantu batarenza urugero. w23.07 21 ing. 6-7

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika