Hagayi
2 Mu kwezi kugira indwi+, ku musi ugira mirongo ibiri na rimwe w’ukwo kwezi, ijambo rya Yehova riza biciye kuri Hagayi+ umuhanuzi, riti: 2 “Ndakwinginze ubwire Zerubabeli+ mwene Sheyalutiyeli+, buramatari wa Yuda+, na Yosuwa+ mwene Yehozadaki+ umuherezi mukuru, n’amasigarira y’ico gisata, uti: 3 ‘Ni nde asigaye muri mwebwe yabonye iyi nzu mu buninahazwa bwayo bwa mbere+? None ubu muyibona gute? Mbega si nk’ubusa mu maso yanyu ugereranije na kera+?’
4 “‘Mugabo noneho, komera, ewe Zerubabeli,’ ni ko Yehova avuze, ‘ukomere nawe+, ewe Yosuwa mwene Yehozadaki umuherezi mukuru.’
“‘Mukomere namwe banyagihugu mwese,’ ni ko Yehova avuze, ‘hanyuma mukore+.’
“‘Kuko ndi kumwe namwe+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. 5 ‘Mwibuke ikintu nasezeranye namwe igihe mwava mu Misiri+, n’igihe impwemu yanje+ yari ihagaze hagati muri mwebwe. Ntimutinye+.’”
6 “Kuko ibi ari vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Rindi rimwe, mu kanya gato+, ngira ntigitishe amajuru n’isi n’ikiyaga n’ubutaka bwumutse+.’
7 “‘Nzotigitisha amahanga yose, maze ibintu bihimbaye vyo mu mahanga yose bizoza ata kabuza+; nzokwuzuza iyi nzu ubuninahazwa+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
8 “‘Ifeza ni izanje, n’inzahabu ni izanje+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
9 “‘Ubuninahazwa bw’iyi nzu yo mu nyuma buzoruta ubw’iya mbere+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
“‘Kandi nzotanga amahoro aha hantu+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.”
10 Ku musi ugira mirongo ibiri na kane w’ukwezi kugira icenda, mu mwaka ugira kabiri wa Dariyo, ijambo rya Yehova riza kuri Hagayi+ umuhanuzi, riti: 11 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Ndakwinginze ubaze abaherezi ku bijanye n’itegeko+, uti: 12 “Mu gihe umuntu yoba atwaye inyama nyeranda mu mpuzu* yiwe maze agakoza impuzu yiwe ku mukate canke mw’isupu canke mu muvinyu canke mu mavuta canke ku bwoko ubwo ari bwo bwose bw’ibifungurwa, mbega ico kintu coca kiba ceranda+?”’”
Nuko abaherezi bishura bati: “Oya!”
13 Hagayi yongera kuvuga ati: “Mu gihe umuntu yahumanijwe n’uwapfuye yoba akoze kuri kimwe muri ivyo, mbega coca kiba igihumanye+?”
Abaherezi na bo bishura bati: “Coca kiba igihumanye.”
14 Nuko Hagayi yishura ati: “‘Ukwo ni ko aba bantu bameze, kandi ukwo ni ko iri hanga rimeze imbere yanje+,’ ni ko Yehova avuze, ‘kandi ukwo ni ko igikorwa cose c’amaboko yabo kimeze, n’ikintu cose bashikanira ng’aho. Kirahumanye+.’
15 “‘Ariko noneho, ndabinginze mushire umutima+ kuri ibi kuva uyu musi, mwiyumvire ukuntu ibintu vyari bimeze imbere y’uko hagira ibuye rigerekwa ku rindi mu rusengero rwa Yehova+, 16 kuva aho ibi bintu vyaba: umuntu yaraja ku kirundo c’intete c’ingero mirongo ibiri, agasanga ni ingero cumi; umuntu yaraja ku gikono baganiramwo kugira ngo avome ingero mirongo itanu mu bwato bw’umuvinyu, mugabo agasangamwo ingero mirongo ibiri+; 17 narabateje ukubabuka kw’ibirimwa+ n’ururyi+ n’urubura+, egome, ndabiteza igikorwa cose c’amaboko yanyu+, ariko nta n’umwe muri mwebwe yangarutseko+,’ ni ko Yehova avuze.
18 “‘Ndabinginze mushire umutima+ kuri ibi kuva uyu musi, kuva ku musi ugira mirongo ibiri na kane w’ukwezi kugira icenda, kuva umusi umushinge w’urusengero rwa Yehova washingwa+; mushire umutima kuri ibi: 19 Mbega hari imbuto zigisigaye mu kinogo c’intete+? Kandi gushika n’ubu, umuzabibu n’igiti c’umusukoni n’igiti c’ikomamanga n’igiti c’umwelayo, vyoba birama? Kuva uwu musi nzobahunda umuhezagiro+.’”
20 Nuko ijambo rya Yehova riza kuri Hagayi+ ubugira kabiri, ku musi ugira mirongo ibiri na kane w’ukwo kwezi+, riti: 21 “Bwira Zerubabeli buramatari wa Yuda+ uti: ‘Ngira ntigitishe amajuru n’isi+. 22 Kandi nzokwubika koko intebe y’ubwami nongere nzimanganye inkomezi z’ubwami bw’amahanga+; nzokwubika umukogote n’abawugenderamwo, kandi amafarasi n’abayagenderako bizogwa+, umwe wese agwishwe n’inkota ya mwene wabo+.’”
23 “‘Kuri uwo musi,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, ‘nzogutoranya, ewe Zerubabeli+ mwene Sheyalutiyeli+, umusavyi wanje,’ ni ko Yehova avuze, ‘ndakugire koko impeta y’ikidodo+, kuko ari wewe natoranije+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze+.”