Ni izaburi ya Dawidi. Agahibongozo.
24 Isi n’ibiyuzuye ni ivya Yehova+,
Ubutaka bwimbuka n’ababubako+.
2 Kuko ku biyaga ari ho we ubwiwe yayishinze ikaguma+,
Kandi ku nzuzi ni ho ayigumiza ishimangiye+.
3 Ni nde yoduga ku musozi wa Yehova+,
Kandi ni nde yohagarara ahantu heranda hiwe+?
4 Ni uwo wese w’intungane mu biganza vyiwe kandi adahumanye mu mutima wiwe+,
Atatwaye ubuzima bwanje mu bitagira mvura+,
Canke ngo arahire ahendana+.
5 Azotwara umuhezagiro uvuye kuri Yehova+
N’ubugororotsi buvuye ku Mana y’ubukiriro bwiwe+.
6 Iri ni ryo yaruka ry’abayirondera,
Ry’abahiga mu maso hawe, ewe Mana ya Yakobo+! Sela.
7 “Rarike imitwe, yemwe marembo+,
Mwikirurutse, yemwe minjiriro aramba+,
Kugira Umwami aninahaye yinjire+!”
8 “Ni nde none uwo Mwami aninahaye+?”
“Yehova uwukomeye kandi w’umunyabubasha+,
Yehova w’umunyabubasha mu rugamba+.”
9 “Duze imitwe, yemwe marembo+;
Egome, nimuyikirurutse, yemwe minjiriro aramba,
Kugira Umwami aninahaye yinjire+!”
10 “Na we ni nde none, uwo Mwami aninahaye?”
“Yehova nyen’ingabo, uyo ni we Mwami aninahaye+.” Sela.