1 Petero
3 Namwe bagore, ni kwo kw’ukwo+, muyobokere+ abagabo banyu bwite, kugira ngo nimba hari abatagamburukira+ rya jambo, bagondozwe+ ata jambo rivuzwe, biciye ku ngeso z’abagore babo+, 2 kubera biboneye ingeso zanyu zitanduye+ ziri kumwe n’icubahiro kigera kure. 3 Kandi ugushaza kwanyu ntikube ukwo gutsiba imishatsi+ kw’inyuma be n’ukwo kwambara udusharizo tw’inzahabu+ canke ukwambara impuzu zo hejuru, 4 ahubwo kube wa muntu yihishije+ wo mu mutima mu vyambarwa bitabora+ vy’umutima utekereje kandi witonda+, ari wo w’agaciro kanini mu maso y’Imana. 5 Kuko ukwo nyene ari ko kera abagore beranda bari bizeye Imana bishariza, bakayobokera abagabo babo bwite, 6 nk’uko Sara yagamburukira Aburahamu, akamwita “umukama+” wiwe. Namwe mwacitse abana biwe, mukire kuguma mukora iciza mudatinya ikintu na kimwe gica ivutu+.
7 Namwe bagabo, ni kwo kw’ukwo+, mubandanye kubana na bo mwisunze ubumenyi+, mubatera iteka+ nk’abaritera icombo kirushirije kuba goyigoyi, icombo kigore, kuko namwe musangiye na bo kuba ba samuragwa+ ba bwa butoni ata wari abukwiriye bw’ubuzima, kugira ngo amasengesho yanyu ntatangirwe+.
8 Ubwa nyuma, mwese muhuze umuzirikanyi+, mugire impuhwe, mwiyumvemwo abavukanyi, mugire impuhwe z’ikibabarwe+, mwicishe bugufi mu muzirikanyi+, 9 ata kwishura ikibi ku kindi+ canke igitutsi ku kindi+, ahubwo muhezagire+, kuko mwahamagariwe iyo nzira, kugira ngo mutorane umuhezagiro.
10 Kuko handitswe ngo: “Uwushaka gukunda ubuzima no kubona imisi myiza+, narinde ururimi rwiwe+ ikibi n’iminwa yiwe ayirinde kuvuga ivy’ubuhendanyi+, 11 mugabo nahindukire areke ikibi+ akore iciza; narondere amahoro ayakurikirane+. 12 Kuko amaso+ ya Yehova ari ku bagororotsi, n’amatwi yiwe akaba ku gutakamba kwabo+; mugabo amaso ya Yehova arwanya abakora ibintu bibi+.”
13 Mu vy’ukuri, ni nde muntu azobagirira nabi nimba mufitiye umwete iciza+? 14 Mugabo naho mwobabara muhorwa ubugororotsi, muba muhiriwe+. Ariko kirya batinya mwebwe ntimugitinye+, eka kandi ntimuhagarike umutima+. 15 Mugabo mweze Kristu bwa Mukama mu mitima yanyu+, mwame mwiteguriye kwiburanira+ imbere y’umuntu wese abasavye impamvu y’icizigiro kiri muri mwebwe, mugabo mubigirana ubwitonzi+ n’icubahiro kigera kure.
16 Mugire ijwi ryo mu mutima ryiza+, kugira ngo mu kintu nyene muvugwamwo nabi, abatyoza ingeso nziza zanyu mu bijanye na Kristu+ bamaramare+. 17 Kuko vyiza ari ukubabazwa muhorwa ko muriko mukora iciza+, nimba ari vyo ukugomba kw’Imana gushaka, aho guhorwa ko muriko mukora ikibi+. 18 Erega, na Kristu yapfuye rimwe rizima kubera ibicumuro+, umuntu w’umugororotsi apfira abatari abagororotsi+ kugira ngo abajane ku Mana+, yicwa mu mubiri+ mugabo agirwa muzima mu mpwemu+. 19 Muri iyo mero kandi yarigiriye aramamaza ku mpwemu ziri mw’ibohero+, 20 izari zagambaraye kera+ hamwe ukwihangana kw’Imana+ kwari kurindiriye mu misi ya Nowa, igihe bwa bwato bwariko burubakwa+, ubwo abantu bakeyi, ni ukuvuga abantu umunani, bakirijwemwo biciye mu mazi+.
21 Igihuye n’ico ni na co ubu kiriko kirabakiza+, ni ukuvuga ibatisimu (atari ugukura umucafu w’umubiri, mugabo ugusaba Imana ijwi ryo mu mutima ryiza+), biciye kw’izuka rya Yezu Kristu+. 22 Uyo ari iburyo bw’Imana+, kuko yigiriye mw’ijuru; kandi abamarayika+ n’ubukuru n’ububasha yarabihawe ngo abiganze+.