Yakobo
3 Ntimukwiye kuba abigisha muri benshi+, bene wacu, kuko muzi yuko tuzocirwa urubanza ruremereye kuruta+. 2 Kuko twese dutsitara kenshi+. Nimba hari uwudatsitara mw’ijambo+, uyo ni umuntu atagira akanenge+, ashoboye no kujiginyika umubiri wiwe wose. 3 Iyo dushize imijiginya+ mu kanwa k’amafarasi kugira ngo atugamburukire+, turayobora n’umubiri wayo wose. 4 Raba! Mbere n’amato, naho ari manini cane kandi akajanwa n’imiyaga ikomeye, ayoborwa n’ingafe+ ntoyi cane akaja aho uwufashe ikinyongesho agomba.
5 N’ururimi nyene ni agahimba gatoyi yamara kakiyemera bikomeye+. Raba ingene bisaba akariro gakeyi kugira ngo umuntu adomeke ishamba rinini cane! 6 Erega, ururimi ni umuriro+. Ururimi rugize ukutagororoka kungana isi mu bihimba vyacu, kuko rutosekaza umubiri+ wose rukadomeka ikurudumu y’ubuzima bwo kw’isi, na rwo rukadomekwa na Gehena. 7 Kuko ubwoko bwose bw’ibikoko hamwe n’inyoni n’ibikwega inda hasi n’ibiremwa vyo mu mazi bugundwa, kandi bwaragunzwe n’abantu+. 8 Mugabo ururimi, nta n’umwe mu bantu ashobora kurugunda. Ni ikintu kibi c’akagaramaruganda, cuzuye ubumara bwica+. 9 Turaruhezagirisha Yehova+, umwe Data+, yamara kandi tukaruvumisha+ abantu babayeho “mw’ishusho y’Imana+.” 10 Mu kanwa kamwe havamwo umuhezagiro n’umuvumo.
Ntibibereye, bene wacu, ko ivyo bintu bibandanya kuba gutyo+. 11 Mbega isôko+ ryotuma mu mbizi imwe hadudubiza ibisosa n’ibirura? 12 Bene wacu, mbega igiti c’umusukoni coshobora kwama imyelayo canke umuzabibu ukama insukoni+? Eka n’amazi y’umunyu ntashobora kuvamwo amazi asosa.
13 Ni nde ari inkerebutsi kandi ategera muri mwebwe? Niyerekanire mu ngeso ziwe nziza ibikorwa vyiwe+ ari n’ubwitonzi buva ku bukerebutsi. 14 Ariko nimba mufise ishari ry’umururazi+ n’agatima k’amahane+ mu mitima yanyu, ntimube mwiyemera+ mwongera mubeshera ukuri+. 15 Ubwo si ubukerebutsi bumanuka buvuye hejuru+, ahubwo ni ubwo kw’isi+, bw’ibikoko, bw’amadayimoni+. 16 Kuko aho ishari+ n’agatima k’amahane biri, ari ho haba umuvurungano n’ikintu c’agahomerabunwa cose+.
17 Mugabo ubukerebutsi+ buva hejuru imbere ya vyose ni ubutanduye+, maze bukaba ubw’amahoro+, bugira ibitegereka+, bugabirije kugamburuka, bwuzuye imbabazi n’ivyamwa vyiza+, ntibusobanura abantu mu kugira nkunzi+, ntibwiyorobeka+. 18 Vyongeye, urubuto rw’icamwa+ c’ubugororotsi+ rubibwa mu mahoro+ ku bariko baremesha amahoro+.