Matayo
23 Maze Yezu abwira amasinzi hamwe n’abigishwa biwe+, ati: 2 “Abanditsi+ n’Abafarizayo biyicaritse ku ntebe ya Musa+. 3 Ivyo bababwira vyose rero+, mubikore kandi muvyubahirize, mugabo ntimukore nk’ivyo bakora+, kuko bavuga mugabo ntibakore. 4 Bahambira imitwaro iremereye bakayiremeka abantu ku bitugu+, mugabo bo ubwabo ntibashake kuyinyiganza n’urutoke+. 5 Ibikorwa vyose bakora babikora ngo abantu bababone+; kuko bāgura utubweta tw’ivyanditswe+ bambara nk’uburyo bwo kwikingira, kandi bakarehūra ubuyonga+ bw’impuzu zabo. 6 Bakunda ikibanza kiboneka kuruta ibindi+ ku mfungurwa zo ku migoroba be n’ivyicaro vy’imbere mu masinagogi+, 7 n’indamutso+ mu tuguriro no kwitwa Rabi n’abantu+. 8 Mugabo mwebwe, ntimukitwe Rabi, kuko umwigisha wanyu ari umwe+, nayo mwebwe mwese muri abavukana. 9 Vyongeye, ntihakagire umuntu n’umwe mwita so kw’isi, kuko So ari umwe+, Umwe wo mw’ijuru. 10 Eka mbere ntimukitwe ‘indongozi+,’ kuko Indongozi yanyu ari imwe, ni Kristu. 11 Mugabo umukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu+. 12 Uwo wese yishira hejuru azocishwa bugufi+, kandi uwo wese yicisha bugufi azoshirwa hejuru+.
13 “Muragowe, mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe! kuko mwugarira+ ubwami bwo mw’ijuru imbere y’abantu; kuko mwebwe+ ubwanyu mutinjira, mbere n’abariko barinjira ntimubareka ngo binjire. 14* ——
15 “Muragowe, mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe+! kuko mukwiragira mu kiyaga n’i musozi kugira muhindure umuntu yinjire idini ryanyu, yaryinjira mukamugira uwubasumvya kabiri kuba uwa Gehena.
16 “Muragowe, mwa ndongozi zihumye mwe+, muvuga ngo: ‘Iyo umuntu arahiye urusengero, nta co bitwaye; mugabo iyo umuntu arahiye inzahabu y’urusengero, abwirizwa gushitsa+.’ 17 Mwa bipfu n’impumyi mwe! Mbega ikiruta ikindi ni ikihe: ni inzahabu canke ni urusengero ruba rwejeje inzahabu+? 18 Vyongeye, muvuga ngo: ‘Iyo umuntu arahiye igicaniro, nta co bitwaye; mugabo iyo umuntu arahiye ishikanwa riri kuri co, abwirizwa gushitsa.’ 19 Mwa mpumyi mwe! Mbega ikiruta ikindi ni ikihe: ni ishikanwa canke ni igicaniro+ ceza ishikanwa? 20 Uwurahiye igicaniro rero aba arahiye n’ibiri kuri co vyose; 21 kandi uwurahiye urusengero aba arahiye n’uwuba muri rwo+; 22 kandi uwurahiye ijuru aba arahiye intebe y’ubwami y’Imana+ n’uwicara kuri yo.
23 “Muragowe, mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe! kuko mutanga ic’icumi+ ca menta na aneto na kumino*, mugabo mwirengagije ibihambaye kuruta vyo mw’Itegeko, ari vyo butungane+ n’imbabazi+ n’ubwizigirwa+. Ivyo vyategerezwa gukorwa, hatirengagijwe birya bindi. 24 Mwa ndongozi zihumye mwe+, mumimina agatuku+ mugabo mukarotsa ingamiya+!
25 “Muragowe, mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe! kuko mwoza inyuma igikombe+ n’isahani, mugabo imbere vyuzuye ubusahuzi+ n’ukurenza urugero. 26 Wa Mufarizayo w’impumyi we+, banza woze imbere igikombe+ n’isahani kugira ngo n’inyuma habone kuba heza.
27 “Muragowe, mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe+! kuko musa n’imva zisizwe ishwagara+ ziboneka inyuma yuko ari nziza, mugabo imbere zuzuye amagufa y’abapfuye be n’ubuhumane bw’ubwoko bwose. 28 Na mwebwe nyene, inyuma muboneka ku bantu ko muri abagororotsi+, mugabo imbere mwuzuye ubwiyorobetsi n’ubugarariji.
29 “Muragowe, mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe+! kuko mwubaka imva z’abahanuzi kandi mugashariza imva z’abagororotsi+, 30 mukavuga ngo: ‘Iyo tuhaba mu misi ya ba sogokuruza ntitwari gufatanya na bo mu gusesa amaraso y’abahanuzi+.’ 31 Ubwanyu rero murishingira intahe yuko muri abana b’abagandaguye abahanuzi+. 32 Nuko rero nimwuzuze ingero+ ya ba sogokuruza banyu.
33 “Mwa nzoka mwe, mwa ruvyaro rw’imamba mwe+, muzohunga mute urubanza rwa Gehena+? 34 Ku bw’ico, raba ngira ndabatumeko+ abahanuzi n’abantu b’inkerebutsi be n’abigisha b’abantu+. Bamwe muri bo muzobica+, mubamanike, abandi na bo mubashishagurire+ mu masinagogi yanyu, mubahame mu gisagara no mu kindi; 35 kugira ngo amaraso yose y’abagororotsi yavishijwe kw’isi+ aze kuri mwebwe, kuva ku maraso ya wa mugororotsi+ Abeli+ gushika ku maraso ya Zekariya mwene Barakiya, uwo mwagandaguriye hagati y’aheranda n’igicaniro+. 36 Ni ukuri ndabibabwiye: Ivyo vyose bizoza kuri iri yaruka+.
37 “Yeruzalemu, Yeruzalemu, wewe wica abahanuzi+ ugatera amabuye+ abagutumweko+,—ni kangahe nashatse gukoraniriza hamwe abana bawe, nka kurya inkokokazi ikoraniriza imiswi yayo munsi y’amababa yayo+! Ariko ntimwabishatse+. 38 Ehe inzu yanyu+ murayitanywe+. 39 Kuko ndabibabwiye: Kuva ubu ntimuzogenda mumbonye gushika muvuze muti: ‘Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova+!’”