Itanguriro 38:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Yuda abwira rero Tamari umukazana wiwe ati: “Nube mu nzu ya so uri umupfakazi gushika Shela umuhungu wanje akuze+.” Kuko yibwira ati: “Na we nyene yohava apfa nka bene wabo+.” Nuko rero Tamari aragenda, abandanya kuba mu nzu ya se wiwe+. Gusubira mu vyagezwe 25:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 “Mu gihe abavukana babana maze umwe muri bo agapfa ata gahungu agira, umugore w’uwo apfuye ntaze yabirwe hanze n’umugabo w’ahandi. Muramuwe aze agende aho ari amwabire, acure umugore wa mwene wabo+. Rusi 3:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Ubu rero, naho ari ivy’ukuri yuko ndi umucunguzi+, hariho umucunguzi w’incuti ya hafi kundusha+.
11 Yuda abwira rero Tamari umukazana wiwe ati: “Nube mu nzu ya so uri umupfakazi gushika Shela umuhungu wanje akuze+.” Kuko yibwira ati: “Na we nyene yohava apfa nka bene wabo+.” Nuko rero Tamari aragenda, abandanya kuba mu nzu ya se wiwe+.
5 “Mu gihe abavukana babana maze umwe muri bo agapfa ata gahungu agira, umugore w’uwo apfuye ntaze yabirwe hanze n’umugabo w’ahandi. Muramuwe aze agende aho ari amwabire, acure umugore wa mwene wabo+.