4 Inyuma ya Yehova Imana yanyu ni ho mukwiye kugendera, kandi ni we mukwiye gutinya, kandi amabwirizwa yiwe ni yo mukwiye kugumya, kandi ijwi ryiwe ni ryo mukwiye kwumviriza, kandi ni we mukwiye gukorera, kandi ni we mukwiye kwumirako+.
15 gushitsa urubanza kuri bose+, no gukubita intahe mu gahanga abatibanga Imana bose ku bikorwa vyabo vyose vy’ukutibanga Imana bakoze mu kutibanga Imana, no ku bintu vyose vy’akamaramaza abacumuzi batibanga Imana bayivuzeko+.”