2 Ngoma 16:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Kuko Yehova amaso yiwe+ anyuragira mw’isi yose+ kugira ngo yerekane inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima+ ukwiye kuri we. Wakoze ivy’ubupfu+ muri ivyo, kuko kuva ubu hazobaho intambara zo kukurwanya+.” Imigani 5:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Kuko inzira z’umuntu ziri imbere y’amaso ya Yehova+, kandi aritegereza imihora yiwe yose+. Imigani 15:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Amaso ya Yehova ari ahantu hose+, akaguma areretse ababi n’abeza+. Abaheburayo 4:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Kandi nta kiremwa na kimwe kitibonekeza imbere yayo+, ahubwo vyose biri gusa kandi vyashizwe ku mugaragaro mu maso y’uwuri n’ico atubaza+.
9 Kuko Yehova amaso yiwe+ anyuragira mw’isi yose+ kugira ngo yerekane inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima+ ukwiye kuri we. Wakoze ivy’ubupfu+ muri ivyo, kuko kuva ubu hazobaho intambara zo kukurwanya+.”
13 Kandi nta kiremwa na kimwe kitibonekeza imbere yayo+, ahubwo vyose biri gusa kandi vyashizwe ku mugaragaro mu maso y’uwuri n’ico atubaza+.