27 Hanyuma mbona ikintu kimeze nk’uguca ibibatsi kw’uruvange rw’inzahabu n’ifeza+, nk’ishusho y’umuriro irya n’ino imbere muri co+, uhereye kw’ishusho y’amafyinga yiwe kuduga; kandi uhereye kw’ishusho y’amafyinga yiwe kumanuka, mbona ikintu kimeze nk’ishusho y’umuriro, kandi yarakaka irya n’ino.