Kuvayo 34:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Hanyuma agumana ng’aho na Yehova imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine. Nta mukate yarya kandi nta mazi yanywa+. Araheza yandika kuri vya bisate amajambo ya nya sezerano, ya Majambo Cumi+. Gusubira mu vyagezwe 9:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Igihe naduga umusozi kwakira vya bisate vy’amabuye+, vya bisate vy’isezerano Yehova yari yagiranye namwe+, hanyuma nkaguma mba ku musozi imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+, (sinarya umukate canke ngo nywe amazi,) 1 Abami 19:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Nuko aravyuka, ararya yongera aranywa, maze amara imisi mirongo ine+ n’amajoro mirongo ine agendera mu nkomezi z’izo mfungurwa gushika ku musozi w’Imana y’ukuri, ari wo Horebu+. Matayo 4:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Amaze imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+ yisonzesha, arahava arasonza.
28 Hanyuma agumana ng’aho na Yehova imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine. Nta mukate yarya kandi nta mazi yanywa+. Araheza yandika kuri vya bisate amajambo ya nya sezerano, ya Majambo Cumi+.
9 Igihe naduga umusozi kwakira vya bisate vy’amabuye+, vya bisate vy’isezerano Yehova yari yagiranye namwe+, hanyuma nkaguma mba ku musozi imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+, (sinarya umukate canke ngo nywe amazi,)
8 Nuko aravyuka, ararya yongera aranywa, maze amara imisi mirongo ine+ n’amajoro mirongo ine agendera mu nkomezi z’izo mfungurwa gushika ku musozi w’Imana y’ukuri, ari wo Horebu+.