19 Ibikombe bitatu vy’imero y’amashurwe ya shakedi vyari ku mugwi umwe w’amashami, amapfundo n’amashurwe bigakurakuranwa; bindi bitatu vyari ku wundi mugwi w’amashami, amapfundo n’amashurwe bigakurakuranwa. Ukwo ni ko vyari kuri ya mashami atandatu ava muri ca gitereko c’amatara+.