7 Umuherezi aze ashire makeyi kuri nya maraso ku mahembe+ y’igicaniro c’imibavu imota neza imbere ya Yehova, ikiri mw’ihema ry’ihuriro, hanyuma ayasigaye yose ku maraso ya nya shūri azoyasuka ku ntaba+ y’igicaniro c’ishikanwa riturirwa, ikiri ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro.