ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 23:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Ntuze wunamire imana zabo canke ngo woshwe kuzikorera, kandi ntuze ukore ikintu na kimwe kimeze nk’ivyo bakoze+, ariko uze ubisenyure ata kabuza wongere umenagure inkingi nyeranda zabo+.

  • Gusubira mu vyagezwe 12:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Mutegerezwa gusiturira hasi ibicaniro vyayo+ no gusavya inkingi nyeranda zayo+, kandi mukwiye guturirira mu muriro ibikingi vyayo vyeranda+ no kwicira ibishusho bibajwe+ vy’imana zayo, murandure n’amazina yazo ave aho hantu+.

  • Abacamanza 6:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Nuko muri iryo joro Yehova yongera kumubwira ati: “Tora ca kimasa, ca kimasa ca so, ni ukuvuga ca kimasa kigira kabiri c’imyaka indwi, usambure ca gicaniro ca Bayali+ ca so, na ca gikingi ceranda kiri iruhande yaco ucicire+.

  • 2 Abami 18:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Ni we yakuyeho ibibanza bikirurutse+, akamenagura za nkingi nyeranda+, agatema ca gikingi ceranda+ akongera akajanjagura ya nzoka y’umujumpu+ Musa yari yarahinguye+; kuko gushika muri iyo misi bene Isirayeli bari bakibandanya kuyifumbishiriza umwotsi w’ibimazi+; yitwa inzoka y’ikigirwamana y’umujumpu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika