2 Kuko bemeye kwabira bamwe mu bakobwa babo bakemera n’uko bamwe mu bakobwa babo babirwa n’abahungu babo+; kandi ubwabo, bo ruvyaro rweranda+, barivanze+ n’abantu bo muri ivyo bihugu, kandi ukuboko kw’abaganwa n’ivyegera vy’abatware kwabaye ukwa mbere+ muri ubwo buhemu.”