2 Yehova abwira Musa ati: “Barira Aroni mwene wanyu, ntaze arinjira ibihe vyose ha hantu heranda+ inyuma y’irido+, imbere ya wa murumyo uri kw’Isandugu, kugira ntapfe+, kuko nzoseruka mu gicu+ hejuru ya nya murumyo+.
14 “Kandi aze atore makeyi ku maraso+ ya ya shūri, ayacucagire n’urutoke rwiwe imbere ya wa murumyo ku ruhande rwo mu buseruko, kandi acucagire+ n’urutoke rwiwe makeyi kuri nya maraso incuro indwi imbere ya wa murumyo+.