ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 4:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Yehova yongera kubwira Musa ati: “Niwamara gusubira mu Misiri, uze witwararike gukorera imbere ya Farawo vya bitangaro vyose nashira mu kuboko kwawe+. Nayo jewe, nzoreka umutima wiwe ucike intabarirwa+; kandi ntazorekura abantu banje+.

  • Kuvayo 8:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Farawo ngo abone habaye agahengwe, akomantaza umutima wiwe+, ntiyabumviriza, nk’uko Yehova yari yavuze+.

  • Gusubira mu vyagezwe 2:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Kandi Sihoni umwami wa Heshiboni ntiyaturetse ngo turengane duciye iwe, kuko Yehova Imana yawe yari yaretse impwemu yiwe igacika intabarirwa+, n’umutima wiwe ukagumarara, kugira amutange mu kuboko kwawe nk’uko biri kuri uyu musi+.

  • Yosuwa 11:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Kuko uku ari ko Yehova yakora: yarareka imitima yabo igakomantara+ kugira bamenyeshe ko bagiye kurwana na Isirayeli, kugira ngo abatikize, ntibagirirwe ubutoni+, ahubwo abazimanganye, nk’uko nyene Yehova yari yarategetse Musa+.

  • Abaroma 9:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Nuko rero, uwo ishaka iramugirira imbabazi+, mugabo uwo ishaka iramureka agacika intabarirwa+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika