Gusubira mu vyagezwe 8:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Kandi uze wibuke inzira yose Yehova Imana yawe yagucanyemwo iyi myaka mirongo ine yose mu gahinga+, kugira agucishe bugufi+, ngo akugeze+ amenye ikiri mu mutima wawe+, ko wogumije amabwirizwa yiwe canke utoyagumije. Yakobo 1:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 muzi yuko ako gaciro kagejejwe k’ukwizera kwanyu kazana ukwihangana+. 1 Petero 1:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 kugira ngo agaciro kagejejwe k’ukwizera kwanyu+, kamwe karusha agaciro inzahabu ishira naho isuzumishwa umuriro ikarama+, kazosangwe ari imvo y’ugushimagizwa n’ubuninahazwa n’iteka kw’ihishurwa+ rya Yezu Kristu.
2 Kandi uze wibuke inzira yose Yehova Imana yawe yagucanyemwo iyi myaka mirongo ine yose mu gahinga+, kugira agucishe bugufi+, ngo akugeze+ amenye ikiri mu mutima wawe+, ko wogumije amabwirizwa yiwe canke utoyagumije.
7 kugira ngo agaciro kagejejwe k’ukwizera kwanyu+, kamwe karusha agaciro inzahabu ishira naho isuzumishwa umuriro ikarama+, kazosangwe ari imvo y’ugushimagizwa n’ubuninahazwa n’iteka kw’ihishurwa+ rya Yezu Kristu.