ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 26:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 “‘Ntimuze mwihingurire imana ata co zimaze+, kandi ntimuze mwishingire igishusho c’ikibazano+ canke inkingi nyeranda, kandi ntimuze mushire mu gihugu canyu ibuye ry’igishusho c’indatwa+ kugira muryunamire+; kuko ndi Yehova Imana yanyu.

  • Gusubira mu vyagezwe 4:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 kugira ntimwikwegere guhona+ kandi vy’ukuri ntimwihingurire igishusho c’ikibazano, ishusho y’ikimenyetso ico ari co cose, ishusho y’ikintu c’igitsina-gabo canke c’igitsina-gore+,

  • Gusubira mu vyagezwe 5:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 “‘Ntukihingurire igishusho c’ikibazano+, imero iyo ari yo yose+ imeze nk’ikintu ico ari co cose kiri mu majuru hejuru canke kw’isi hasi canke mu mazi munsi y’isi.

  • Yesaya 40:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 “Ariko mwonsanisha na nde ngo tube abangana?”, ni ko wa Mweranda avuga+.

  • Ivyakozwe 17:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 “Ko rero turi uruvyaro rw’Imana+, ntidukwiye kwiyumvira yuko Imana+ imeze nk’inzahabu canke ifeza canke ibuye, nk’ikintu cahinguwe n’ubuhinga be n’ubwenge bw’umuntu+.

  • 1 Abakorinto 8:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Nayo ku vy’ukurya+ ibifungurwa vyashikaniwe ibigirwamana, turazi ko ikigirwamana ari ubusa+ mw’isi, be n’uko ata yindi Mana iriho atari imwe+.

  • Ivyahishuwe 9:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Mugabo abantu basigaye batari bishwe n’ivyo vyago ntibigaya ibikorwa vy’amaboko yabo+, ngo ntibasenge amadayimoni*+ be n’ibigirwamana vy’inzahabu n’ifeza+ n’umujumpu n’amabuye n’ibiti, ibidashobora kubona canke ngo vyumve canke ngo bigendagende+;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika