Abalewi 26:1 Bibiliya y’isi nshasha 26 “‘Ntimuze mwihingurire imana ata co zimaze+, kandi ntimuze mwishingire igishusho c’ikibazano+ canke inkingi nyeranda, kandi ntimuze mushire mu gihugu canyu ibuye ry’igishusho c’indatwa+ kugira muryunamire+; kuko ndi Yehova Imana yanyu. Gusubira mu vyagezwe 4:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 kugira ntimwikwegere guhona+ kandi vy’ukuri ntimwihingurire igishusho c’ikibazano, ishusho y’ikimenyetso ico ari co cose, ishusho y’ikintu c’igitsina-gabo canke c’igitsina-gore+, Gusubira mu vyagezwe 5:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 “‘Ntukihingurire igishusho c’ikibazano+, imero iyo ari yo yose+ imeze nk’ikintu ico ari co cose kiri mu majuru hejuru canke kw’isi hasi canke mu mazi munsi y’isi. Yesaya 40:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 “Ariko mwonsanisha na nde ngo tube abangana?”, ni ko wa Mweranda avuga+. Ivyakozwe 17:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 “Ko rero turi uruvyaro rw’Imana+, ntidukwiye kwiyumvira yuko Imana+ imeze nk’inzahabu canke ifeza canke ibuye, nk’ikintu cahinguwe n’ubuhinga be n’ubwenge bw’umuntu+. 1 Abakorinto 8:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Nayo ku vy’ukurya+ ibifungurwa vyashikaniwe ibigirwamana, turazi ko ikigirwamana ari ubusa+ mw’isi, be n’uko ata yindi Mana iriho atari imwe+. Ivyahishuwe 9:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Mugabo abantu basigaye batari bishwe n’ivyo vyago ntibigaya ibikorwa vy’amaboko yabo+, ngo ntibasenge amadayimoni*+ be n’ibigirwamana vy’inzahabu n’ifeza+ n’umujumpu n’amabuye n’ibiti, ibidashobora kubona canke ngo vyumve canke ngo bigendagende+;
26 “‘Ntimuze mwihingurire imana ata co zimaze+, kandi ntimuze mwishingire igishusho c’ikibazano+ canke inkingi nyeranda, kandi ntimuze mushire mu gihugu canyu ibuye ry’igishusho c’indatwa+ kugira muryunamire+; kuko ndi Yehova Imana yanyu.
16 kugira ntimwikwegere guhona+ kandi vy’ukuri ntimwihingurire igishusho c’ikibazano, ishusho y’ikimenyetso ico ari co cose, ishusho y’ikintu c’igitsina-gabo canke c’igitsina-gore+,
8 “‘Ntukihingurire igishusho c’ikibazano+, imero iyo ari yo yose+ imeze nk’ikintu ico ari co cose kiri mu majuru hejuru canke kw’isi hasi canke mu mazi munsi y’isi.
29 “Ko rero turi uruvyaro rw’Imana+, ntidukwiye kwiyumvira yuko Imana+ imeze nk’inzahabu canke ifeza canke ibuye, nk’ikintu cahinguwe n’ubuhinga be n’ubwenge bw’umuntu+.
4 Nayo ku vy’ukurya+ ibifungurwa vyashikaniwe ibigirwamana, turazi ko ikigirwamana ari ubusa+ mw’isi, be n’uko ata yindi Mana iriho atari imwe+.
20 Mugabo abantu basigaye batari bishwe n’ivyo vyago ntibigaya ibikorwa vy’amaboko yabo+, ngo ntibasenge amadayimoni*+ be n’ibigirwamana vy’inzahabu n’ifeza+ n’umujumpu n’amabuye n’ibiti, ibidashobora kubona canke ngo vyumve canke ngo bigendagende+;