3 Umuherezi na we aze yihweze nya cago mu rukoba rwa nya mubiri+. Mu gihe ubwoya bwo muri nya cago bwahindutse ubwera kandi nya cago kikaba kiboneka ko cimbitse kuruta urukoba rw’umubiri wiwe, kizoba ari icago c’imibembe. Umuherezi aze acihweze, aheze amenyeshe ko ahumanye.