Kuvayo 13:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Nya nkingi y’igicu ntiyava imbere y’abantu ku murango, eka na nya nkingi y’umuriro mw’ijoro+. Gusubira mu vyagezwe 1:33 Bibiliya y’isi nshasha 33 uwariko agendera imbere yanyu mu nzira ngo atate aho mukambika+, akabagendera imbere biciye ku muriro mw’ijoro kugira mubone inzira mucamwo, ku murango na ho biciye ku gicu+. Nehemiya 9:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 wewe, mu mbabazi zawe nyinshi, ntiwabahebeye+ mu gahinga. Ya nkingi y’igicu ntiyavuye hejuru yabo ku murango kugira ngo ibayobore mu nzira+, canke ya nkingi y’umuriro mw’ijoro kugira ngo ibaboneshereze inzira bakwiye kujana+.
33 uwariko agendera imbere yanyu mu nzira ngo atate aho mukambika+, akabagendera imbere biciye ku muriro mw’ijoro kugira mubone inzira mucamwo, ku murango na ho biciye ku gicu+.
19 wewe, mu mbabazi zawe nyinshi, ntiwabahebeye+ mu gahinga. Ya nkingi y’igicu ntiyavuye hejuru yabo ku murango kugira ngo ibayobore mu nzira+, canke ya nkingi y’umuriro mw’ijoro kugira ngo ibaboneshereze inzira bakwiye kujana+.