24 “Bwira bene Isirayeli uti: ‘Mu kwezi kugira indwi+, ku musi wa mbere wa nya kwezi, hakwiye kuba akaruhuko kuzuye kuri mwebwe, ubabere icibutso biciye kw’ijwi ry’urumbete+, ihwaniro ryeranda+.
9 Uze uvuze inzamba n’ijwi rinini+ mu kwezi kugira indwi ku musi ugira icumi wa nya kwezi+. Ku musi w’impongano+ muze muvuze nya nzamba mu gihugu canyu cose.