18 Nuko bakoranya ikoraniro ryose ku musi wa mbere w’ukwezi kugira kabiri, kugira ngo bamenyekanishe amamuko yabo+ ku bijanye n’imiryango yabo, mu nzu ya ba se, hakurikijwe igitigiri c’amazina, kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga+, umwumwe ukwiwe,
10 “Muhagaze mwese uno musi imbere ya Yehova Imana yanyu: abakuru b’imiryango yanyu, abagabo b’inararibonye banyu n’abarongozi banyu, umugabo wese wo muri Isirayeli+,