Kuvayo 15:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Ibisata vy’abantu bizokwumva+, bihagarike umutima+;Imisonga nk’iy’ukwibaruka+ izofata ababa mu Bufilisitiya. Kuvayo 23:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 “Nzorungika ukuncikira ivutu kukwitangire imbere+, nte koko mu muvurungano abantu bose ushitsemwo, kandi nzoguha igikanu c’abansi bawe bose+. Gusubira mu vyagezwe 11:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Nta muntu n’umwe azohagarara ashikamye imbere yanyu+. Yehova Imana yanyu azotuma igihugu cose muzohonyozako ikirenge kibagirira ubwoba, kibatinye+, nk’uko nyene yabasezeraniye. Yosuwa 2:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Abwira abo bagabo ati: “Emwe, ndazi yuko Yehova atazobura kubaha iki gihugu+, be n’uko twacitse ivutu kubera mwebwe+, kandi ko ababa mu gihugu bose badendebutse kubera mwebwe+.
14 Ibisata vy’abantu bizokwumva+, bihagarike umutima+;Imisonga nk’iy’ukwibaruka+ izofata ababa mu Bufilisitiya.
27 “Nzorungika ukuncikira ivutu kukwitangire imbere+, nte koko mu muvurungano abantu bose ushitsemwo, kandi nzoguha igikanu c’abansi bawe bose+.
25 Nta muntu n’umwe azohagarara ashikamye imbere yanyu+. Yehova Imana yanyu azotuma igihugu cose muzohonyozako ikirenge kibagirira ubwoba, kibatinye+, nk’uko nyene yabasezeraniye.
9 Abwira abo bagabo ati: “Emwe, ndazi yuko Yehova atazobura kubaha iki gihugu+, be n’uko twacitse ivutu kubera mwebwe+, kandi ko ababa mu gihugu bose badendebutse kubera mwebwe+.