Kuvayo 20:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Musa abwira abantu ati: “Ntimutinye, kuko icatumye Imana y’ukuri iza ari ukugira ngo ibageze+, no kugira ngo ukuyitinya kugume imbere y’amaso yanyu ngo ntimucumure+.” Gusubira mu vyagezwe 5:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 Iyaba botsimbataje uyo mutima wabo bakantinya+ kandi bakagumya amabwirizwa yanje+ yose nantaryo, kugira ngo bibagendere neza n’abana babo gushika igihe kitagira urugero*+! 1 Samweli 12:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Gusa mutinye+ Yehova, kandi mumukorere mu kuri, n’umutima wanyu wose+; kuko raba ibintu bikomeye yabakoreye+. Luka 1:50 Bibiliya y’isi nshasha 50 kandi uko amayaruka agenda arakurikirana, imbabazi ziwe ziba ku bamutinya+.
20 Musa abwira abantu ati: “Ntimutinye, kuko icatumye Imana y’ukuri iza ari ukugira ngo ibageze+, no kugira ngo ukuyitinya kugume imbere y’amaso yanyu ngo ntimucumure+.”
29 Iyaba botsimbataje uyo mutima wabo bakantinya+ kandi bakagumya amabwirizwa yanje+ yose nantaryo, kugira ngo bibagendere neza n’abana babo gushika igihe kitagira urugero*+!
24 Gusa mutinye+ Yehova, kandi mumukorere mu kuri, n’umutima wanyu wose+; kuko raba ibintu bikomeye yabakoreye+.