Gusubira mu vyagezwe 4:1 Bibiliya y’isi nshasha 4 “Ubu rero, ewe Isirayeli, umviriza ingingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane* ndiko ndabigisha ngo muzishitse, kugira ngo mubeho+, kandi koko mwinjire, mwigarurire igihugu Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu agira abahe. Luka 10:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Amubwira ati: “Wishuye neza; ‘guma ukora ivyo, uzoronka ubuzima+.’ ” Abagalatiya 3:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Itegeko rero ntiryumira ku kwizera, mugabo “uwubishitsa azobeshwaho na vyo+.”
4 “Ubu rero, ewe Isirayeli, umviriza ingingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane* ndiko ndabigisha ngo muzishitse, kugira ngo mubeho+, kandi koko mwinjire, mwigarurire igihugu Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu agira abahe.