Daniyeli 9:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Abo muri Isirayeli bose barahonyanze itegeko ryawe; twarakebeje mu kutagamburukira ijwi ryawe+, bituma udusukako wa muvumo na ya ndahiro+ yanditswe mw’itegeko rya Musa wa musavyi w’Imana y’ukuri, kuko twayicumuyeko. Daniyeli 9:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Nuko ashitsa amajambo yayo yari yaratuvuzeko+ twe n’abacamanza bacu baducira imanza+, atuzanako ivyago bikomeye, ku buryo munsi y’amajuru yose ata vyahagiriwe nk’ivyagiriwe i Yeruzalemu+. Amosi 3:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 ‘Ni mwebwe gusa namenye+ mu miryango yose yo ku butaka+. Ni co gituma nzogira ico ndababaza ku makosa yanyu yose+.
11 Abo muri Isirayeli bose barahonyanze itegeko ryawe; twarakebeje mu kutagamburukira ijwi ryawe+, bituma udusukako wa muvumo na ya ndahiro+ yanditswe mw’itegeko rya Musa wa musavyi w’Imana y’ukuri, kuko twayicumuyeko.
12 Nuko ashitsa amajambo yayo yari yaratuvuzeko+ twe n’abacamanza bacu baducira imanza+, atuzanako ivyago bikomeye, ku buryo munsi y’amajuru yose ata vyahagiriwe nk’ivyagiriwe i Yeruzalemu+.
2 ‘Ni mwebwe gusa namenye+ mu miryango yose yo ku butaka+. Ni co gituma nzogira ico ndababaza ku makosa yanyu yose+.