8 Ahubwo kubera ko Yehova abakunda+, no kubera ko agumya indahiro yari yararahiye ba sogokuruza banyu+, ni co catumye Yehova abakuzayo ikiganza gikomeye+, kugira ngo abacungure abakure mu nzu y’abashumba+, mu kuboko kwa Farawo umwami wa Misiri.
22 “Bwira rero inzu ya Isirayeli uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Singira ndabikore ku bwanyu, ewe nzu ya Isirayeli, mugabo ni ku bw’izina ryanje ryeranda mwahumanije mu mahanga mwajemwo+.”’