15 Inyuma y’ivyo Musa arahindukira, aramanuka ava ku musozi+ na vya bisate bibiri vy’Igishingantahe+ mu kuboko kwiwe, ibisate vyanditsweko ku mpande zompi. Vyari vyanditsweko imbere n’inyuma.
28 Hanyuma agumana ng’aho na Yehova imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine. Nta mukate yarya kandi nta mazi yanywa+. Araheza yandika kuri vya bisate amajambo ya nya sezerano, ya Majambo Cumi+.