3 Musa abandanya kubwira abantu ati: “Hazoze haribukwa uyu musi muviriyeko mu Misiri+, mu nzu y’abashumba, kuko biciye ku nkomezi z’ukuboko ari ho Yehova abakuye ng’aha+. Nta kintu cambiwe rero gishobora kuribwa+.
6 “‘Kandi ku musi ugira cumi na gatanu w’ukwo kwezi, ni umusi mukuru wa Yehova w’udutsima tutarimwo umwambiro+. Mu misi indwi mukwiye kurya udutsima tutarimwo umwambiro+.