14Iyi rero ni yo ntoranwa bene Isirayeli baronse mu gihugu ca Kanani+, iyo Eleyazari umuherezi na Yosuwa mwene Nuni n’abakuru ba ba se b’imiryango ya bene Isirayeli batumye batorana+.
15Akarere umuryango wa bene Yuda waheshejwe ubupfindo+ hakurikijwe imiryango yabo kagarukira ku rubibe rwa Edomu+, ni ukuvuga mu gahinga ka Zini+, ku mpera ya Negebu+ yo mu bumanuko.
16Nuko ubupfindo+ burasohoka ku bwa bene Yozefu+; akarere kabo kahera kuri Yorodani+ aharabana n’i Yeriko kakagenda kerekeza ku mazi ya Yeriko amaja mu buseruko, kerekeza mu gahinga kaduga mu karere k’imisozi ka Beteli+ kavuye i Yeriko.
17Maze ubupfindo+ bwerekana akarere k’umuryango wa Manase+, kuko yari imfura ya Yozefu+, egome akarere ka Makiri+ imfura ya Manase, se wa Gileyadi+, kuko yari umurwanyi+; Gileyadi+ na Bashani haba ahiwe.