Guharura 14:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Nimba Yehova yarahimbawe natwe+, ntazobura kutuzana muri ico gihugu maze akiduhe, igihugu gitemba amata n’ubuki+. Zaburi 60:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Tuzoronka inkomezi tuzihawe n’Imana+,Kandi yo ubwayo izohonyangira hasi abarwanizi bacu+. Abaroma 8:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 None tuvuge iki kuri ivyo? Nimba Imana idushigikiye, ni nde azoturwanya+? Abafilipi 4:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha+.
8 Nimba Yehova yarahimbawe natwe+, ntazobura kutuzana muri ico gihugu maze akiduhe, igihugu gitemba amata n’ubuki+.