52 Abagabo ba Isirayeli n’aba Yuda baca rero barahaguruka, biha akaruru maze bakurikira+ Abafilisitiya gushika ku mubande+ no gushika ku marembo ya Ekuroni+; kandi abakomeretse ibikomere vyica bo mu Bafilisitiya baguma bagwa mu nzira kuva i Shayarayimu+, gushika i Gati no gushika i Ekuroni.