ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 23:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Sinzobirukana ngo bakuve imbere mu mwaka umwe, kugira ngo igihugu ntigicike igiharabuga, n’ibikoko vy’ibinyeshamba bikagwira koko bikakugirira nabi+.

  • Guharura 33:55
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 55 “‘Ariko nimutirukana ababa muri ico gihugu ngo bave imbere yanyu+, abo muzosigaza muri bo ntibazobura kubabera nk’ibintu bibazibura mu maso, bababere kandi nk’amahwa mu mbavu; emwe, bazobatoteza mu gihugu muzoba mubayemwo+.

  • Gusubira mu vyagezwe 7:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 “Kandi Yehova Imana yawe ata gukeka azohinda ayo mahanga agende arava imbere yawe buhorobuhoro+. Ntuzokwemererwa kuyaherengeteza ningoga, ngo ibikoko vyo mu gahinga ntibihave bigwira bikakugirira nabi.

  • Yosuwa 23:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 mumenye neza ko Yehova Imana yanyu atazobandanya kwomora ayo mahanga ku bwanyu+; emwe, ntazobura kubabera nk’umutego be n’umushibuka, n’ikimoko mu biyunguyungu vyanyu+ kandi nk’amahwa mu maso yanyu gushika muyogeye kuri ubu butaka bwiza Yehova Imana yanyu yabahaye+.

  • Abacamanza 1:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Na Efurayimu ntiyirukana Abanyakanani baba i Gezeri, mugabo Abanyakanani babandanya kuba muri bo i Gezeri+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika