ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 1:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Uwo mugabo yama ava mu gisagara ciwe ku mwaka ku mwaka akaduga i Shilo+ gukubita inkoro hasi+ imbere ya Yehova nyen’ingabo* no kumushikanira ikimazi. Aho ni ho abahungu babiri ba Eli, Hofuni na Finehasi+, bari abaherezi ba Yehova+.

  • 1 Samweli 4:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Abantu bashitse kw’ikambi, abagabo b’inararibonye ba Isirayeli batangura kuvuga bati: “Ni kubera iki Yehova adutsindiye uyu musi imbere y’Abafilisitiya+? Nimuze twizanire isandugu y’isezerano rya Yehova+ tuyikuye i Shilo, kugira ngo ize hagati muri twebwe, idukize mu kiganza c’abansi bacu.”

  • Zaburi 78:60
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 60 Amaherezo iheba itaberenakulo y’i Shilo+,

      Ihema yabayemwo hagati mu bantu bakuwe mw’ivu+.

  • Yeremiya 7:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 “‘Ariko rero, nimugende ku kibanza canje cari i Shilo+, aho nabanje gutuma izina ryanje riba+, murabe ivyo nahagiriye kubera ububi bw’igisata canje Isirayeli+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika