27 Ivyo vyatumye ubatanga mu kuboko kw’abarwanizi babo+, na bo baguma babateza amarushwa+; mugabo mu gihe baba bari mu marushwa barakuririra+, nawe ukumva uri mu majuru+; maze nk’uko imbabazi+ zawe nyinshi ziri warabaha abo kubakiza+, na bo bakabakiza bakabakura mu kuboko kw’abarwanizi babo+.