24 Gideyoni atuma intumwa mu karere k’imisozi ka Efurayimu+ kose kuvuga ziti: “Manuke guhura na Midiyani, mubatange gufata amazi gushika i Beti-bara, mufate na Yorodani.” Nuko abagabo bose ba Efurayimu barakorana, maze bafata amazi+ gushika i Beti-bara, bafata na Yorodani.