2 Nuko Yehova abwira Gideyoni ati: “Abantu bari kumwe nawe ni benshi cane ku buryo ntotanga Midiyani mu kuboko kwabo+. Hari aho Isirayeli yonyiyemerako+ iti: ‘Ukuboko kwanje ni kwo kwankijije+.’
14 “Ntutinye, wewe musiba+ Yakobo, mwebwe bantu ba Isirayeli+. Jewe nzogufasha,” ni ko Yehova avuze, egome, Umucunguzi wawe+, wa Mweranda wa Isirayeli.