Abacamanza 7:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Nuko Yehova abwira Gideyoni ati: “Abantu bari kumwe nawe ni benshi cane ku buryo ntotanga Midiyani mu kuboko kwabo+. Hari aho Isirayeli yonyiyemerako+ iti: ‘Ukuboko kwanje ni kwo kwankijije+.’ Imigani 8:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Ugutinya Yehova gusobanura kwanka ibibi+. Ukwishira hejuru n’ubwishime+ n’inzira mbi be n’akanwa kagoramye+, naravyanse. Imigani 16:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Ubwishime buza imbere yo gusenyuka+, umutima wibona na wo imbere yo gutsitara+.
2 Nuko Yehova abwira Gideyoni ati: “Abantu bari kumwe nawe ni benshi cane ku buryo ntotanga Midiyani mu kuboko kwabo+. Hari aho Isirayeli yonyiyemerako+ iti: ‘Ukuboko kwanje ni kwo kwankijije+.’
13 Ugutinya Yehova gusobanura kwanka ibibi+. Ukwishira hejuru n’ubwishime+ n’inzira mbi be n’akanwa kagoramye+, naravyanse.