13 Aguma ayisenga, ku buryo Imana yemera ko ayinginga+ maze yumva ugusaba ubutoni kwiwe, imusubiza i Yeruzalemu ku ngoma yiwe+; nuko Manase amenya ko Yehova ari we Mana y’ukuri+.
20 “Mbega Efurayimu ni umuhungu w’agaciro kuri jewe, canke umwana afatanwa urukundo+? Kuko uko nzomuhambarira kwose, nzosubira kumwibuka ata kabuza+. Ni co catumye amara yanje amusebagirikira+. Nzomwumvira koko ikigongwe+,” ni ko Yehova avuze.