26 Kuko Heshiboni cari igisagara ca Sihoni+. Uno yari umwami w’Abamori+, kandi ni we yarwanye n’umwami wa Mowabu kera, agakura igihugu ciwe cose mu kuboko kwiwe gushika kuri Arunoni+.
22 “Wabahaye ubwami+ n’ibisata vy’abantu, ubigabanganya igipande ku kindi+; ku buryo bigarurira igihugu ca Sihoni+, egome, igihugu c’umwami wa Heshiboni+, n’igihugu ca Ogi+ umwami wa Bashani+.